Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fespaco irahimbaza umunsi mukuru w’ireresi yo muri Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Fespaco irahimbaza umunsi mukuru w’ireresi yo muri Afrika

Fespaco irahimbaza umunsi mukuru w’ireresi yo muri Afrika

samedi 23 Ruhuhuma 2013

Umutima w’ireresi yo muri Afrika uterera I Ouagadougou kuva kuwa gatandatu ahariko hahimbarizwa Fespaco,isabukuru nkuru y’ireresi zo muri Afrika,ku ncuro ya 23 ihaye icicaro kinini abakenyezi kuko aribo barongoye imirwi yose itanga amanota.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafique,amabarabara yo ku murwa mukuru wa Burkina Faso agana ahariko habera iyo sabukuru asharijwe n’amabara atukura,ayasa n’umuhondo hamwe n’ayirabura,Fespaco yiteguye kwakira amasanamu y’abakinyi b’amareresi bava kw’isi yose.

Umunsi mukuru utangura ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2013,ku kibuga kinini c’inkino kiri mu gisagara citiriwe uwa 4 Myandagaro,hari intambo z’umurwi wo muri Burkina Faso Salia Ni Seydou,igiteramo kiremeshwa n’umurwi wo mu gihugu ca Nigeria Flavour hamwe n’imico y’amabara iza guterwa mu kirere.

Umurwi wo mu gihugu ca Cote d’Ivoire Magic system niwo uzorangiriza umunsi mukuru kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante.

Tubamenyeshe ko iyo sabukuru yatanguye mu mwaka wa 1969, yitabwe n’abakinyi b’amarersi bazwi nka Alain Gomis ava muri Senegal,Abderrahmane Sissoko ava muri Mauritanie na Mahamat Saleh Haroun wo mu gihugu ca Tchad.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.