IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Festicab 2013: Urutonde rw’amareresi azohiganwa rwamenyekanye

Festicab 2013: Urutonde rw’amareresi azohiganwa rwamenyekanye

jeudi 16 Rusama 2013

Umurwi uriko utegura isabukuru y’amareresi « Festicab 2013” ku ncuro ya gatanu mu Burundi wakoranije abanditsi n’abamenyeshamakuru , kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Rusama 2013, kugira bashire ahabona urutonde rw’amareresi yatowe ngo azohiganwe, yaba ayo mu Burundi canke ayo mu makungu, eka mbere n’ayo mu bihugu vyo mu karere nka Rwanda na Congo.

Umuyobozi w’isabukuru ry’amareresi"Festicab 2013" Eloge Nzeyimana yamenyesheje ko uno mwaka baronse amareresi y’abanyamahanga bipfuza guhiganwa. Muri mirongo indwi n’ane(74) yatowe, mirongo ine n’indwi(47) n’ayo mu mahanga, mirongo ibiri n’atandatu (26) akaba ayo mu Burundi.

Naho biri uko, uwujejwe gutunganya ibikorwa yibukije ko umwanya munini uzohabwa amareresi yo mu Burundi, ko ayo yandi nayo nyene azofasha abarundi kuraba aho abadutanze bageze mu buhinga.

Mu mwaka uheze, vyabonetse ko abakunzi b’amareresi bagumye basaba kwerekwa izo mu Burundi. Eloge Nzeyimana amenyesha ko bazokwitwararika no kwerekana amareresi y’abarundi amaze guhabwa udushimwe.

Nk’uko biboneka ku buryo buramvuye ku muhora ngurukana bumenyi wa Festicab 2013 www.festicab.org, mu ncamake amareresi yatowe twoyashira mu mice itatu:

Ku rwego rw’igihugu( ayo mu Burundi)

Montre-Moi ya Jean Pierre Harerimana
Welcome home ya Ndayisenga Joseph
Burundi, un el dorado ya Alice Akingabiye
Le sixieme commandement ya Munyana Francine
Imigenzo y’ikirundi ishobora kwica ico yokijije ya Dusabe Willbert

Mu karere: muri Afrika

Mu Rwanda

Ruhago ya Philbert Aime Mbabazi
Unemployed ya Sangwa Mukunzi
Bibaho ya Rwamudanga Makombe na Habiya
Imbarutso ya Josiane Uwizeyimana

Muri Congo

Pourquoi moi ya Francine
Deux races ya Gaytt Ngelessa

Mu makungu
Le voleur de papillons ya Patricia Tassinari ( Canada)
Journaliste, vos papiers ya Laurence Lepeytre (France)
Uburundi butamba ya Catherine D’Otterepre ( Belgique)
Velingara Theatre ya Javier Arcos na Javier Jarillo ( Espagne)
All is well(Por aqui tudo bem) ya Pocas Pascoal (Angola)
Et si Dieu n’existait pas ya Alain Guikou (Cote d’ivoire)

Kubwa Simon Kururu wo mu kigo COPRODAC, ni ngirakamaro ko abategura n’abatunganya amareresi mu Burundi bashigikirwa kugira abo mu bindi bihugu ntibabarengere nk’uko bishaka kwibonekeza, cane cane bikozwe n’ibihugu rutura.

Ku civugo c’uyu mwaka kivuga giti : « Amareresi mw’iterambere n’amahoro vy’igihugu », abo bariko baratunganya iyo sabukuru bamenyesha ko babifashijwemwo n’ababafata mu mugongo bazogerageza gushika henshi mu mihingo itandukanye y’igihugu kugira abatari bake baze bashobore kuratira ijisho, bibonere ubuhinga bw’abategura amareresi batandukanye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.