Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FIFA iragabisha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA iragabisha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi

FIFA iragabisha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi

lundi 28 Gitugutu 2013

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose (FIFA) riragabisha ko rishobora gufatira ibihano ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bivuye ku kwivanga kw’imigambwe n’abategetsi bamwe bamwe mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Markus Kattner, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose, biciye ku rwandiko yarungikiye umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Lydia Nsekera, ku genekerezo rya 22 Gitugutu 2013, yamenyesheje ko ingingo ya 13 n’iya 17 y’amategeko agenga ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi zitomora ko amashirahamwe y’umupira w’amaguru afise uburenganzira bwo gutunganya ibikorwa vyayo mu bwigenge ata muntu n’umwe canke urwego runaka ruvyivanzemwo.

JPEG - 27.4 ko
Lydia Nsekera, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi

Muri urwo rwandiko, Markus Kattner, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi amenyesha ko izo ngingo iyo zirenzwe hategekanijwe ibihano bifatirwa ishirahamwe n’abanywanyi baryo. Markus Kattner yibutsa ko ivyo bihano bishobora gushika n’ugufuta ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB : Fédération de Football du Burundi)

Urwo rwandiko rugabisha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rwasohotse inyuma y’aho bimenyekaniye ko hoba hariho imigambwe n’abategetsi bivanze mu matora y’abakuru b’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu ntara 17 zigize Uburundi, amatora yabaye ku genekerezo rya 19 Gitugutu 2013.

Markus Kattner, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi asaba Lydia Nsekera arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ko yoshikiriza abategetsi vyega ayo makenga ya FIFA kugira bamenye ibihano ishirahamwe FFB (Fédération de Football du Burundi) rishobora gufatirwa mu gihe bobandanya kwivanga mu bikorwa vyaryo.

Markus Kattner yamenyesheje ko yipfuza ko ayandi matora ategekanijwe ku genekerezo rya 17 Munyonyo 2013 yoba mu bwigenge kandi akabera ku mugaragaro, yongera yemera ko azoguma akurikiranira hafi ico kibazo, kandi ko mw’ishirahamwe mpuzamakungu FIFA na CAF (Conféderation Africaine de Football) bazorungika abarorerezi mvamakungu bazoza gukurikirana ayo matora azoba mu Burundi ku genekerezo rya 17 Munyonyo 2013.

JPEG - 39.1 ko
Markus Kattner, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose

Egide Nduwimana

Messages

  • Cette histoire de la Fédération de Football du Burundi (FFB) bifatiye ku matiku, si ivy’ubu. Ubu ikibazo ca Lydia Senkera, ni igisanzwe kandi bivanye ko ata kintu de special yamariye cette Fédération de Football, nta wuzi amatiku y’uwo mupfasoni yoshigikira ko aguma aserukira iyo Fédération de Football du Burundi. Meme son entree au poste de president de cette federation, vyabaye imikino y’abo bagomba gukura Lydia. Kwitwaza ko l’Etat/autorites du pays bivanga dans les affaires de cette federation pour attirer la sympathie de la communaute internation ou FIFA, c’est une bassesse. Oui, amatora ni abe ariko tous les concernes/footballeurs baba impliques kugire bitorere abarongozi bizigiye kandi bafise experience en la matiere. Akab’ari naco gituma mbona ko Lydia n’abandi batandukanye bogirirwa interview hama les journalistes bagaha akanya benegihugu babaze kurya bigenda kuri KABIZI, MOSAIQUE, etc..... Sinon, nous risquons de diaboliser les gens voire les condamner injustement comme CNTB de Msgr Serapion. Na kare, "ikinyoma gisaswa ahashashe".

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.