Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FIGA, ikigega kizoshigikira abanyamitahe bato - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > FIGA, ikigega kizoshigikira abanyamitahe bato

FIGA, ikigega kizoshigikira abanyamitahe bato

jeudi 4 Mukakaro 2013

Biciye ku biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ishirahamwe ry’amabanki yo mu Burundi ABEF (Association des Banques et Etablissements Financiers du Burundi) ryatunganije kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Mukakaro 2013 uruganda rwo kurabira hamwe n’uguhanahana ivyiyumviro ku cigwa cakozwe ku turusho twoboneka mu gihe hoshigwaho ikigega FIGA (Fonds d’Impulsion Economique, de Garantie et d’Accompagnement) kizoba kijejwe gushigikira no kuzamura abanyamitahe bagitangura.

Inyuma y’ivyiyumviro vy’abahinga batandukanye, umukuru w’ishirahamwe ABEF, Dr Pr. Cyrille Sigejeje yamenyesheje ko ico kigega kije hageze kuko abanyamitahe bakunda guhura n’ingorane cane cane iz’ukubura ingwati, ivyo bigaca bituma bataronswa ingurane. Yamenyesheje ko ico kigega kizoshobora kubera ingwati abanyamitahe bato bato, congere kibakurikirane mu migambi yabo. Yibukije ko ico kigega kitazosiga inyuma abafise imigambi y’uburimyi n’ubworozi kuko biri mu bisata vyinjiriza igihugu amafaranga y’agaciro.

JPEG - 31.6 ko
Dr Pr. Cyrille Sigejeje, umukuru w’ishirahamwe ABEF

Ico kigega kigiye gusahiriza abanyamitahe bipfuza kurangura imigambi yabo kikaba gihurikiyemwo ama banki yo Burundi nka Bancobu, BBCI, BCB, BGF, BNDE, CRDB, DTB, Ecobank, Finbank, FPHU, IBB hamwe na KCB.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.