Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fiston Abdulazak na Rayon Sport barahejeje kwumvikana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Fiston Abdulazak na Rayon Sport barahejeje kwumvikana

Fiston Abdulazak na Rayon Sport barahejeje kwumvikana

lundi 22 Mukakaro 2013

Haraheze iminsi havugwa amakuru ko umukinyi w’umurundi Fiston Abdulazak yoba ariko agirana ibiganiro n’umurwi wo mu gihugu c’Urwanda Rayon Sport. Ayo makuru aremezwa n’uwo mukinyi, akamenyesha ko ku ruhande rwiwe vyamaze guhera hasigaye ah’umurwi yahora akinamwo, Lydia Ludic Academic, ari naco gituma atarahamvya bagenzi we bagiye gukinana muri Rayon Sport.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyanakuru IGIHE BURUNDI, Fiston Abdulazak yamenyesheje ko inyuma y’aho aviriye muri Brazzaville mu murwi Diable Noir wo mu cicero ca mbere, ariho yafata ingingo yo kwumvikana na Rayon Sport, imwe mu mirwi myinshi yariko iramurondera. Nk’uko Fiston Abdulazak abimenyesha, ibiganiro yagiranye n’abarongoye umurwi wa Rayon Sport barabihurijeko, ikibazo kikaba kiri ku barongoye umurwi Lydia Ludic Academic, kuko batariko barahuza ku mafaranga uwo mukinyi yogurwa.

JPEG - 410 ko
Fiston Abdulazak ari mu kiganiro ku Kinyamakuru IGIHE BURUNDI

Ku masezerano y’umwaka umwe gusa akinira Rayon Sport, Fiston Abdulazak amenyesha ko abarongoye umurwi Lydia Ludic Academic bariko basaba amananiza kandi ku ruhande rwiwe bari bumvikanye. Ku kibazo co kumenya ico agiye gukora mu gihe hoguma ukwo kutumvikana hagati y’imirwi kandi ubwiwe bari bahuje n’abarongoye Rayon Sport, uwo mukinyi w’igihangange w’umurundi amenyesha ko azoja mu mpera z’iyi ndwi gutera umukono ku masezerano amuhuza na Rayon Sport, gutyo imirwi izosigara irumvikana yonyene vyanse kandi bikaba nkenerwa, baheze biture ishirahamwe ry’umupira w’amaguru CAF, ariko we mu kurindira ntiyipfuza kuba arata umwanya wo kwimenyereza hamwe n’abandi. Yavuze ati : ”Abakunzi banje bo mu gihugu c’Urwanda banyitege mu mpera z’iyi ndwi, kandi ndamutse nza, sinzovayo ntateye umukono ku masezerano n’umurwi Rayon Sport kuko twahejeje kwumvikana.” Fiston Abdulazak ntiyanyegeje umunezero afise mu gihe agiye kuzokinana muri Rayon Sport na bagenzi we b’abarundi NIzigiyimana Karim (Mackenzi) na Ndayisenga Fuadi nabo nyene basanzwe babica bigacika mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda.

Mwomenya ko Fiston Abdulazak mu mwaka w’2009 yahejeje ihiganwa ryo mu Burundi ariwe mukinyi akina neza muri bose kandi afise ibitsindo vyinshi. Ikindi mwomenya n’uko uwo musatirizi yari ku rutonde rw’abakinyi 32 rurangiranwa b’abanyafrika bahiganirwa gutwara umupira w’inzahabu mu mwaka uheze.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.