Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Flambeau de L’Est wirahiye umurwi wa Coton Sport wo muri Cameroun - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Flambeau de L’Est wirahiye umurwi wa Coton Sport wo muri Cameroun

Flambeau de L’Est wirahiye umurwi wa Coton Sport wo muri Cameroun

samedi 1er Ntwarante 2014

Muri za nkino ziriko zihuza imirwi yo muri Afrika yabaye iya mbere mu bihugu vy’abo, ku nkino zigeze mu gice ca 16, umurwi wa Flambeau de L’Est uhejeje guhangana n’umurwi wa Coton Sport waje uva mu gihugu ca Cameroun. Itsinzi itashe i Burundi, umurwi wa Flambeau de L’Est wavyifashemwo neza ku gitsindo 1-0.

Kuva igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu " 15h 30", ku kibuga ca Prince Louis Rwagasore hariko habera urukino rwahuza umurwi wa Flambeau de L’Est uriko userukira Uburundi mu nkino z’umupira w’amaguru z’imirwi yatwaye igkombe mu gihugu iwabo, hamwe n’umurwi wa Coton Sport de Garoua waje userukira igihugu ca cameroun.

Abakinyi barinjiye mu kibuga, mu minota ya mbere, amaroso agishushe, umukinyi ya mbaye inomero 11 Shabani Hussein batazira Chabalala, adatevye k’umunota wa 4 yinjije igitsindo cahavuye kiguma ari ikinege gushika urukino ruhere.

Naho vyabaye uko, n’abakinyi ba Coton Sport de Garoua ntibari bicaye, gusatirana kwinshi, uguhangana ijisho kurindi ku mupira wo hasi ugenda inyaruka no kugerageza kwinjiza n’ivyo vyariko bibera mu kibuga ca Prince Louis Rwagasore.

Ikindi cibonekeje n’uko abakinyi ba Coton Sport ari barebare kandi vyaboneka ko barusha inguvu abakinyi ba Flambeau de L’Est. Ibi twabihurijeko n’umumenyereza w’uwo murwi Olivier Niyungeko. Uwo yaciye avugako agiye gukenyurira aho nyene cane cane avugako agiye kumenyereza abakinyi biwe kwiruka cane. Iyo myiteguro agiye kugira, ni kurondera itsinzi mu rukino rwogusubiza ruzobera muri Cameroun.

Na yo Gomez Da Rosa amenyereza umurwi wa Coton Sport de Garoua, amenyeshako naho atsinzwe abakinyi biwe bavyifashemwo neza. Ku bwiwe, umukenyuro nyamukuru ni ikirere. Abonako ubushuhe buri muri Cameroun buzobazanira itsinzi.

Ikibuga ca cuzuye abarorerezi ku mpande zose za co indirimbo n’intambo zihayagiza umurwi wa Flambeau de L’Est zasamirana na bimwe bita Vouvouzela.

Abakinyi ba mbere bari k’urutonde rw’umurwi wa flambeau de L’Est :

no1) Marc Arthur, no5) Raul, no6) David Shukur, no15) Omar Moussa, no2) David Nimbona, no4) Noah Akanakimana, no7) Zacharie Hakizimana, no11) Shabani Hussein, no16) Christophe Hatungimana, no20) Pascal.

Abakinyi ba mbere bari k’urutonde rw’umurwi wa Coton Sport de Garoua :

no16) Fedjou, no15) Bong Biang, no5) Zimbozi, no21) Manga, no20) Youssangin, no4) Ajeugawe, no7) Souzey, no19) Kako, no2) Moumi na no10) Ndongo.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.