Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Flambeau de l’Est yatanguye kumoterwa n’igikombe mu cicaro ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Flambeau de l’Est yatanguye kumoterwa n’igikombe mu cicaro ca (...)

Flambeau de l’Est yatanguye kumoterwa n’igikombe mu cicaro ca mbere

mardi 20 Myandagaro 2013

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi mu ciciro ca mbere kurwego rw’igihugu ariryo (primus ligue A) ririko ryegereza ku mpera aho ku nkino 22 zitegekanijwe hamaze gukinwa 20 bikumvikana ko hasigaye inkino zibiri, umurwi wa Flambeau de l’Est ukaba ufise amahirwe menshi yo kuba yotahukana ihiganwa ry’uyu mwaka.

Ihiganwa ry’uyu mwaka 2013 rigizwe n’imirwi 12 ”8 y’i Bujumbura ariyo Vital’o, Lydia Ludic Burundi Académic, Atlético Olympic, Inter Star, Académic Tchite, Prince Louis na Flamengo n’ine yo hagati mu gihugu ariyo Flambeau de l’Est (ruyigi), Royal fc (muramvya), Messager Ngozi (ngozi) na Espoir fc yo mu Gatumba rirangire.

Mu mpera z’iyindwi, ihiganwa ryari rigeze ku ndwi ya 20, inkino zagenze uku: igenekerezo rya 17/08/2013 Messager ngozi 0-2 Flambeau de l’Est, Royal 0-2 Atlétic Olympic, Flamengo 4-1 Espoir, urukino rwari guhuza Muzinga na Prince louis nti gwabaye naho kuwa 18/08/2013 LLB ac. 2-2 Inter star Vital’o 3-0 Ac Tchite.
Imirwi irushanya uku: 1. Flambeau de l’Est amanota 45, 2. Atlético Olympic 43, 3. Lydia Ludic Burundi Académic 41, 4. Vital’o 41, 5. Royal 38, 6. Messager Ngozi 27, 7. Inter star 26, 8. Académic Tchite 25, 9. Muzinga 18 n’inkino 4 utarakina, 10. Flamengo 16, 11.

Prince Louis 13, iyanyuma ni 12. Espoir n’amanota 5 gusa. Hamwe vyoguma uko ryoba ribaye irya kabiri umurwi wo hagati mu gihugu utwara igikombe c’ihiganwa mu cicaro cambere ku rwego rw’Igihugu.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.