Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Florentino Perez yasubiye kwizerwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Florentino Perez yasubiye kwizerwa

Florentino Perez yasubiye kwizerwa

dimanche 2 Ruheshi 2013

Florentino Perez, asanzwe arongoye umurwi wa Real Madrid, yisanze ari we gusa yitoza mu kibanza co kumusubirira. Niko guca asubira kwizerwa kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Ruheshi ngo abandanye arongora uwo murwi nk’uko itangazo ryashizwe ahabona ribivuga.

Kubera ko yari wenyene mu bitoza, urwego rukuru rw’amatora rwemeje ko Florentino Perez abandanye arongora uwo murwi mu myaka ine. Perez arongoye uyo murwi kuva mu mwaka w’ 2009 kandi yari yarawurongoye mu myaka y’ 2000 gushika 2006.

Florentino Perez yikorera utwiwe mu gihugu ca Espagne ndetse asanzwe ari naco yavukiyemwo. Yarigeze kuba ari umunyepolitike, ndetse aranaba umuyobozi mukuru wa rimwe mu mashirahamwe ya Leta.

Perez yavyawe na Eduardo Perez hamwe na Soledad Rodriguez Perez igenekerezo rya 8 Ntwarante mu 1947, akaba afise imyaka 66. Arubatse na Maria Angels Perez bakaba bafise abana batatu, abahungu babiri n’umukobwa umwe.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.