Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FMI : Ubutunzi bwa Afrika y’epfo bugeze ahatemba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > FMI : Ubutunzi bwa Afrika y’epfo bugeze ahatemba

FMI : Ubutunzi bwa Afrika y’epfo bugeze ahatemba

vendredi 12 Kigarama 2014

Mu cigwa cakozwe n’ikigega mpuzamakungu FMI cerekana ko ubutunzi bwifashe nabi muri Afrika y’epfo, mu gihe hategekanywa ko umwimbu wokwiyongereye uhereye ubu gushika mu 2019 kugira ikibazo c’ubushomeri muri ico gihugu kigabanuke bimwe bishimishije.

JPEG - 16.6 ko
Christine lagarde arongoye FMI

Muri ico cigwa, ikigega FMI cerekanye ko cari categekanije ko ibice 2,1 kw’ijana arivyo bizoba vyiyongereye ku mwimbu (PIB) mu mwaka 2015, ni ukuvuga ugereranije ibice 2,75 kw’ijana mu myaka ine (2016-2019), ariko mu 2014, igihugu ca Afrika y’Epfo congereje umwimbu gushika ku gice 1,4 kw’ijana, inyuma y’umwaka. Mukamenya ko ikigega FMI cari categekanije ko umwimbu uzokwiyongera ibice 2,9 kw’ijana mu 2014, n’ukuvuga ibice 3,5 kw’ijana ugereranije mu gihe nyene c’umwaka umwe. Ku bw’ivyo, ico kigega kiratewe ubwoba ko mu gihe atacokorwa vuba na vuba ico gihugu cosubira inyuma mu butunzi. Ikigega FMI kikaba cashikirije ko ibidandazwa vyagabanutse bimwe biboneka ugereranije n’ayandi masoko y’ibihugu bikiri mu nzira y’iterambere (marché émergents), ndetse n’ikibazo c’umuyagankuba (Energie Electrique) kikaba kivyunyura, naza yegereyegere z’urutavanako ziharangwa.

Abahinga muvy’ubutunzi bakaba berekanye ko Afrika y’Epfo kugira ishobore kugabanya ubushomeri buri mu gihugu, yotegerezwa kwongereza umwimbu (PIB) n’imiburiburi kuva ku bice 5 gushika kuri 7 kw’ijana.
Ico kigega FMI kikamenyesha ko ibintu bishobora kwunyuka kuko ico gihugu kirashobora kubura amahera gikoresha muri bino bihe, bigaca bituma imyenda yiyongera, ubushomeri bukiyongera gose mu gihe ibitigiri bizwi bishika ku bice 25 kw’ijana vy’abantu bategerezwa kuba bafise ico bakora (Population Active). Ico kigega kikaba kirangiza gisaba ko hosubirwanwo imigambi ituma ubutunzi bwisununura, ubuzi bukavuka ndetse n’ubukene bukagabanuka amazi atararenga inkombe.


Audace Nizigiyimana

Messages

  • Eka abirabura iyo bava bakagera barangwa n’ubusuma!!! Zuma bamwagiriza ubusuma bwa amamiriyoni menyi y’ama randi yakoresheje mu kwubaka inzu yiwe bwite!!! Igisagara ca Detroit muri USA cahomvye umukuru waco yagenwa yari umwirabura!!! Kenyere abera badutware kuko ubwacu atavyo dushoboye!!! Kandi nta independace umwirabura aropfa aronse!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.