Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FONIC : Kuziganya uburyo mu kigega kugira ubutegetsi bukwiragizwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > FONIC : Kuziganya uburyo mu kigega kugira ubutegetsi bukwiragizwe

FONIC : Kuziganya uburyo mu kigega kugira ubutegetsi bukwiragizwe

mercredi 10 Mukakaro 2013

Mw’itegeko ry’ubutunzi, Leta yemereye FONIC, ikigega c’iterambere ry’ama komine, uburyo bw’amafaranga, ku mutahe ikoresha ku mwaka ku mwaka. Ku bijanye no gukwiragiza ubutegetsi, ikigega FONIC carategekanije uburyo bw’amafaranga kugira imigambi ikorwa haziganijwe amafaranga ishobore gukorwa yose.

Kubwa Salomon Nsabimana umuhinga adasanzwe mu bijanye n’ubutunzi muri IDEC, igisata c’iterambere n’ubutunzi, gukwiragiza ubutegetsi bisigura guhagahana ubutware, ubutegetsi, uburongozi, kugena kurongora ibisata vya Leta mu ntumbero yo kuzana iterambere rusangi.

Guhanahana ubutegetsi ni inzira itegerezwa gukorwa kugira bagere kw’iterambere rusangi, yo nshimikiro nyamukuru.
Ku bw’ukungene FONIC isanzwe itunganya ubutunzi bwayo, ubutunzi bwayo bagubuwe mu mice ine : Amafaranga yagewe gukora imigambi yamaze kwerekanwa, ayagenewe iyitarerekanwa mugabo iteguwe, ayagenewe guteza imbere imigambi, amakomine aba yumvikanye gukorera hamwe n’ayandi y’imigambi ikomakomeye.

Ku rwego rwo gukwiragiza ubutegetsi, FONIC yategekanije uburyo bukwiye kugira ishitse amafarangara yategekanijwe gufasha abanyagihugu akongera akanabazanira n’iterambere. FONIC ifasha kandi ama komine ikongera igakurikiranira hafi uburyo amafaranga akoreshwa.

Ku rwego rwa komine naho, ikigega FONIC citaho cane mu gutanga amafaranga yo kwubaka amashure mu gushigikira inyigisho nshingiro no gutanga inyigisho ku bijanye n’isuku. Ikindi naco, uburyo butangwa ku migambi ihurijweko hamwe n’amakomine butuma haba iterambere rirama ry’igihugu. Ubu abarongoye ama komine bakaba bafise igikorwa gihambaye kugira ngo komine ishobore gutahira ivyo ikigega FONIC kiba cabafashije kuronka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.