Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France : Abagirijwe kwica abamenyeshamakuru 10 bishwe mu rudavagi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France : Abagirijwe kwica abamenyeshamakuru 10 bishwe mu rudavagi (...)

France : Abagirijwe kwica abamenyeshamakuru 10 bishwe mu rudavagi rw’amasasu

samedi 10 Nzero 2015

Abavukanyi, Saïd Kouachi na Chérif Kouachi baraye bishwe inyuma y’aho bagirijwe ko aribo bagandaguye abamenyeshamakuru 10 n’abandi.

Abo bagabo babiri bakaba barashwe mu rudavagi rw’amasasu yabereye mw’ishirahamwe riri mw’ikomine ya Seine-et-Marne, mu Bumanuko bw’igihugu c’Ubufaransa. Bivugwa ko abo bishwe bari bashitse muri iyo komine igihe c’isaha zitatu z’agatondo ko kuri uyu wa 9 Nzero, baraheza bagira imbohe abo bari bahasanze. Imbere y’uko Cherif na Said bicwa bakaba bari bagiranye ikiganiro n’ikinyamakuru BFMTV, aho bavuze ko bishe abo bakozi ba Charlie Hebdo batumwe na Al Qaïda yo mu gihugu ca Yémen.

Baremeza ko Al Qaïda ariyo yatanze uburyo, iranategura ico gitero. Abo bagabo babiri bakaba barashwe igihe c’isaha 11 z’umuhingamo barashwe na bamwe muri karuhariwe mu kugema.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nezacane abafrasa bokorana nabasirikare bu Burundi koko mberenkeka bafatiye inyigisho ahantuhamwe! Ndanejerejwe nuko aboba polisi bubufarasa bakubise umwansi maze tureke bamwe bomumashirahamwe yomu Burundi ngontaharanira ivyicaro abonumuntu yivunyumwansi bakamusabira ngonafatirwe ibihano! Irijambongoye kuriririmba mumajwiyose ashoboka mpaka uyumwakawose wa 2015.

  • Ndagushigikiye igitekerezo cawe kudahana imbwa vyorora imisegamurakoze

  • Ww nuwera yaco ugereranya ivyubufaransa nivy’uburundi,barya ntibigeze bishikana ngo baheze bicwe,bashatse kuguma bagwana hama barabica.Nomuburundi ntawanseko umwansi ariko arwana yicwa ariko abishikanye ntibokwicwa bunyamaswa.

  • Ubuzima ni katihabwa obo bahungu bo mufaransa bagize ivyo imana itategetse kwica abamenyesha makuru aho bari mukazi kabo kamisose ariko abo bari bavuye muri congo bamwe muribo barishikanye bicwa nabri kubakingira twosaba abarundi namakungu gukurikirana abo bagize ubwo bwicanyi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.