Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France : Abigeme 33 nibo bitezwe mu gutambuka birebanga nk’umutoto (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > France : Abigeme 33 nibo bitezwe mu gutambuka birebanga nk’umutoto (...)

France : Abigeme 33 nibo bitezwe mu gutambuka birebanga nk’umutoto w’igitoke

samedi 30 Munyonyo 2013

Mu gihe hari haheze amayinga hitezwe igenwa ry’urwego ruzotatura abigeme 33 bazoba bahiganirwa igitsibo c’umwigeme mwiza wo gihugu c’Ubufaransa mu mwaka wa 2014,bamenyekanye, umukuru w’urwo rwego ni Garou.

Abo bigeme baturuka hirya no hino mu turere tugize igihugu c’Ubufaransa, ni 33 bahiganirwa kwambikwa igitsibo c’umwigeme mwiza wo mw’ico gihugu mu mwaka w’2014. Ubu naho hahejeje kumenyekana abagize urwego rw’amatora azoba kw’igenekerezo rya 7 Kigarama 2013. Uwo murwi ni wo uzoheza ugatatura izo nkumi. Mu nyuma yaho uwitwa Alain Delon atangiye imihoho mu kibanza c’uwurongora urwego rw’amatora, umuririmvyi ava mu gihugu ca Canada azwi cane mu ruririmbo « Sous le Vent » ni we yatowe gusubirira Delon, bivugwa n’ikinyamakuru « Metronews ». Uwo rero niwe azorongora ibirori bizobera muri Zénith de Dijon. Iruhande ya Garou, hari abamenyeshamakuru nka Sylvie Vartan, umuryosha giteramo Titoff, abaririmvyi Elodie Frege na Vincent Niclo. Haratumiwe n’abandi nka Nathalie Marquay yigeze gutwara ico gitsibo mu mwaka w’i 1987.

Uwo murwi rero ufise akazi gakomeye mugutora uwo bazambika ico gitsibo ku ncuro ya 67 ayo mahiganwa atanguye mu gihugu c’Ubufaransa. Naho umwigeme ava muri Alsace aheruka kuba uwa mbere mu bibazo vy’ubumenyi bamubajije, abandi n’abo bizeye intsinzi mu gutambuka birebanga nk’umutoto w’igigitoke, bambaye twaduhuzu twokwogana « maillots de bain » hama biyerekane maze hatorwemwo uwu zosubirira uwatwaye ico gitsibo mu mwaka uheze Marine Lorphelin.

Alain Delon

Cherif NKeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.