Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France : imyiyerekano isaba itorwa ry’itegeko rirekurira abasangiye ibitsina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France : imyiyerekano isaba itorwa ry’itegeko rirekurira abasangiye ibitsina (...)

France : imyiyerekano isaba itorwa ry’itegeko rirekurira abasangiye ibitsina ko bubakana

lundi 28 Nzero 2013

Abantu barenga 125 000 barasubiriye kugira imyiyerekano,i Paris mu gihugu c’Ubufaransa ,bakaba basaba ko,itegeko ritanga uburenganzira bw’uko abantu basangiye ibitsina bubakana ritorwa.Abateguye iyo myiyerekano bakaba bavuga ko mu mabarabara hari abantu bangana 400 000.

Imyiyerekano yagizwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero,2013 i Paris ngo yitabwe n’abantu bake ugereranije n’abari mu mabarabara mu myiyerekano iheruka,haraheze indwi zibiri.Ariko rero ngo vyagenze neza kuruta ubwambere nk’uko amakuru dukesha itororokanirizo ry’abafaransa AFP abivuga.

JPEG - 77.6 ko

Amakuru atangwa n’igipolisi c’i Paris avuga ko abagize iyo myiyerekano ku munsi w’Imana bangana 125 000,abarongoye urunani inter- LGBT ruhurikiyemwo abahuza ibitsina babisangiye nabo bakamenyesha ko abantu bari mu myiyerekano bagera ku 400 000.Nicolas Gougain,umuvugizi w’urwo runani, amenyesha ko bashimishwa ingene iyo myiyerekano yagenze.

Ivyo rero vyabaye imyuma yaho abiyamiriza iryo tegeko ry’uko abasangiye ibitsina bubakana nabo bari bagize imyiyerekano igaragaza ko badashigikiye na gato ko iryo tegeko ritorwa.Abagira iyo myiyerekano bakaba bayigira umwe wese arikumwe n’umutambukanyi wiwe.

Muri iyo myiyerekano yo gusaba ko itegeko riha abasangiye ibitsina uburenganzira bwo kwubakana,hari hitavye abategeysi bamwe bamwe,abo nabo ni nk’umukuru w’igisagara ca Paris,Bernard Delanoë,umushikiranganji w’uburaro Cécile Duflot,umunyamabanga wambere,w’umugambwe w’aba socialistes,n’abandi.

Ibiharuro nfatakibanza rero bikaba vyerekana ko abashigikiye ko itegeko ritanga uburenganzira bwo kwubakana ku basangiye ibitsina,aribo bashobora gutahukana intsinzi,iryo tegeko rigatorwa,kuko ibiharuro vyerekana ko abanyagihugu 63% barishigikiye, ababangana 49% nabo bakaryiyamiriza.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.