Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Leta ya Syria yagize igitero c’uburozi’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Leta ya Syria yagize igitero c’uburozi’

Ubufaransa : Leta ya Syria yagize igitero c’uburozi’

mardi 3 Nyakanga 2013

Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa avuga ko ata wundi yari gutegeka ko hakoreshwa ibigwanisho vy’uburozi atari Leta ya Syria.

Ubufaransa bwemeza ko igitero c’ibigwanisho vy’umurama ku nkengera za Damas mu kwezi guheze, ata wundi yari gutegeka ko kiba atari Leta ya Syria. Mu cegeranyo umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa Jean-Marc Ayrault, yameje ko igitero co ku wa 21 ukwezi Myandagaro ko cakoreshejwemwo uburozi bwinshi. Ico cegeranyo kivuga ko abantu 281 bashobora kuba barapfuye kubera ubwo burozi. Ubufaransa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika biriko birarondera ko hoba ibitero vyo guhana Leta ya Syria mu gihe abashingamateka b’Ubwongereza bo bavyanse.

Avugana n’umunyamakuru wa BBC, Jermy Bowen, icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Syria Faisal Mekdad yavuze ko iterabwoba rizoca rikwira hose hamwe Leta Zunzubumwe z’Amerika zotera Syria. Syria yemeza ko igitero icarico cose ca Amerika coza gishigikira al-Qaeda n’abo bakorana. Uwo mutegetsi wo muri Leta ya Syria yanabwiye BBC kandi ko imirwi yitwaje ibigwanisho ishigikiwe na Amerika-atari abasoda ba Syria-bakoresheje ibigwanisho vy’uburozi. Amerika yemeza ko ifise ivyemeza ko leta ya Syria yakoresheje uburozi bwitwa sarin mu gitero camaze abantu mu kwezi kw’umunani.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.