Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France :Ubugeni bw’abasangiye ibitsina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France :Ubugeni bw’abasangiye ibitsina

France :Ubugeni bw’abasangiye ibitsina

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Inama nkenguzamateka yatoye kuri uyu wa gatanu integuro y’itegeko yemeza ubugeni hagati y’abasangiye ibitsina ndetse hamwe n’uko abo bashobora gutunga abana nk’ababo bimwe twita ‘’adoption’’.Rizoba ari ihinduka mu gihugu rikomeye cane mu bufaransa kuva hakuweho igihano co gupfa mu mwaka w’1981.

Iryo tegeko rikaba ryatowe n’abari muri Gauche .Abo bari muri urwo ruhande bakaba bari bafise amajwi atandatu gusa mu nama nkenguzamateka .Iyo nteguro y’itegeko yashikirijwe na kristiyana Taubira ,umushikiranganji w’ubutungane aho basubiyemwo ivyo Francois hollande yari yiyemeje igihe yari mu myiyamamazo yo kwitoza kuba umukuru w’igihugu yasubiyemwo utuntu duke n’inama nkenguzamateka.

Ivyo rero ntibibuza ko inama nshingamateka igihe izoba iriko irihweza ubugira kabiri iyo nteguro y’itegeko itegekanijwe mu mpera z’ukwezi kwa gatanu ,ritowe na benshi bakarishima batarihinduye n’ukuvuga baritoye atakivuyeko nk’uko inama nkenguzamateka yaritoye ,aho rero iryo tegeko rizoca ryemezwa burundu n’inama nshingamateka.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakaba bamaze kumenyesha ko bazoshikiriza ivyo basaba mu nama ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.Abatavuga rumwe na Leta bakaba baragize urugamba rukomeye kandi mu bihe bitari vyoroshe ariko ntivyanganya no mu nama nshingamateka kuko ho hari ivyo basaba ko bikosorwa 279 ariko i palais bourbon vyari 5000.


Floxella Karire

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.