Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France : Umuryango wa Amedy Coulibaly utera ivyatsi ibikorwa vy’ubwicanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France : Umuryango wa Amedy Coulibaly utera ivyatsi ibikorwa vy’ubwicanyi (...)

France : Umuryango wa Amedy Coulibaly utera ivyatsi ibikorwa vy’ubwicanyi vy’umuhungu wiwe

lundi 12 Nzero 2015

Inyuma y’aho umwe mu bantu bitwaza iterabwoba wo mu gihugu c’Ubufaransa yiciwe mu rudavagi rw’amasasu, umuryango wiwe wasohoye urwandiko.

Umuryango wa Amedy Coulibaly ugizwe na mama wiwe co kimwe na bashikiwe, bavuga ko ivyo umuhungu wabo yari yararoyemwo vy’ubwihevyi no kwica abantu, biri ku gatwe kiwe, ndetse uwo muryango ukaba waciye uhoza imiryango yose yabuze kubera ubwicanyi bwagizwe n’uwo mwana wabo. Uwo muryango uvuga ko wiyamirije ibitero vyose bigirwa n’abo bicanyi biyitirira idini ryabo rya Islam.

Mukamenya ko Amedy Coulibaly w’imyaka 32 yishwe kuri uyu wa gatanu uheze igenekerezo rya 9 Nzero, mu gitero cagizwe n’abajejwe umutekano b’aho mu Bufaransa, aho ukurasana n’abo bicanyi baba djihadiste bari bagizwe na Amedy Coulibaly, cherif kouachi na said kouachi bose bishwe mu rudavagi rw’amasasu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Yamashirahamwe yo mu Burundi avugangontaharanirivyicaro arahava arega aba polisi bomubufarasa moyakozenabi kurasa urufaya rwamasasu kunkozi zikibi!?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.