Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France: Umushikiranganji w’ubutungane yagereranijwe n’inkende - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > France: Umushikiranganji w’ubutungane yagereranijwe n’inkende

France: Umushikiranganji w’ubutungane yagereranijwe n’inkende

vendredi 15 Munyonyo 2013

Ikinyamakuru c’Ubufaransa gisohoka ku munsi ku munsi « Minute » cashikirije amajambo yivangura ry’urukoba hari kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo 2013, aho cagereranya umushikiranganji w’ubutungane w’Ubufaransa Christiane Taubira n’inkende. Ayo majambo yanditse ku mpapuro z’inyuma z’ico kinyamakuru.

Kuri izo mpapuro z’inyuma handitse ngo : « Aciye ubwenge nk’inkede, Taubira narye imihwi ». Ivyo vyatumye haba amatohoza kugira Sentare izoshengeze ico kinyamakuru imbere y’ubutungane kubera ayo majambo. Ico kinyamakuru kiriko kigerageza gusubiramwo amajambo mabi, kiyahindura mu gukuramwo ayarimwo ibitutsi kugira kizoronke ivyo cireguza imbere y’ubutungane.

M. Jean-Marc Ayrault, umushikiranganji wa mbere,y isunze ingingo ya 40 yo mu gitabo mpanavyaha, yafashe ingingo ko ivyo vyashikirijwe n’ico kinyamakuru ari kurengera agateka ka zinamuntu bifatiye ku rukoba, asaba umushikirizamanza mukuru w’i Paris gufata mu minwe urwo rubanza.

N’aho amatohoza ariko araba, ntakiriko kirakorwa kugira hahagarare kugurishwa impapuro zirenga 40 000 z’ico kinyamakuru. Christiane Taubira nawe yanditse avuga ko ivyo ari ibiterasoni, kandi bibabaje ko gukura umuntu mu muryango w’abantu bakamushira mu bikoko. We n’abandi bo mumugambwe Front National biyemeje gushengeza ico kinyamakuru kugira n’abandi bafise ako gatima bahakure iciirwa.

Uwo Christiane Taubira ariko agereranywa n’inkende, yavukiye i Cayenne mu gihugu c’Ubufaransa, afise imyaka 61, n’umushinguzi w’ikimangu ca Reta akaba n’umushikiranganji w’ubutungane kuva kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2012.

JPEG - 265.3 ko
Umushikiranganji Christiane Taubira yagereranijwe n’inkende

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.