IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA ashobora gutahukana "Diamond League Lausanne (...)

Francine NIYONSABA ashobora gutahukana "Diamond League Lausanne Mondial"

mercredi 24 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Francine NIYONSABA, umunonotsi w’umurundikazi aheruka gutahukana ikibanza ca kabiri ku metero amajana umunani mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques", ntagihuriye mu rindi higanwa na Caster SEMENYA wo muri Afrika y’epfo, uwatahukanye ikibanza ca mbere.

Mu makuru yacu yo kuri uwu wa kabiri, twari twabamenyesheje ko abo banonotsi bompi, Francine NIYONSABA hamwe na Caster SEMENYA bazohurira mw’ihiganwa rya "Diamond League", rizanzwe rizwi kw’izina rya "Athletissima Lausanne", rikazoba kuri uwu wa kane igenekerezo rya 25 Myandagaro, mu gihugu ca Suisse.

Amakuru ava aho mu gihugu ca Suisse avuga ko umunonotsi Caster SEMENYA asanzwe ariwe yasize Francine NIYONSABA muri "Jeux Olympiques", akaba yari asanzwe ari mubokwitavye iryo higanwa rya "Diamond League Lausanne Mondial" yamaze kumenyesha ko atazokwitaba iryo higanwa.

Abanonotsi mpuzamakungu biruka ku metero amajana umunani, bazoba bari muri iryo higanwa akaba ari :

Alemu (Ethiopia)
Bishop Melissa (Canada)
Büchel Selina (Suisse)
Chebet Winny (Kenya)
Jepkosgei Nelly (Kenya)
Francine Niyonsaba(Burundi)
Prischepa Nataliya (Ukraine)
Sharp Lynsey (Grande Bretagne)
Sum Eunice Jepkoech (Kenya)
Wambui Margaret (Kenya)

Iryo higanwa rizoba kuri uwu wa kane igenekerezo rya 25 Myandagaro 2016, rikazotangura igihe c’isaha zibiri n’iminota 35, ku masaha y’i Bujumbura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.