IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine Niyonsaba, umunonotsi rurangiranwa kw’isi yose

Francine Niyonsaba, umunonotsi rurangiranwa kw’isi yose

mardi 21 Rusama 2013

Ku musi wa gatandatu, mu gisagara ca Shanghai mu gihugu c’Ubushinwa, umunonotsi wo mu gihugu c’Uburundi, Francine Niyonsaba yarateye intambwe y’akataraboneke mu biruka imetero amajana umunani(800m)

Uwo murundikazi rurangiranwa, Francine Niyonsaba yatwaye igikombe ca Afrika mu mwaka w’2012 i Porto-Novo, ari nawe kandi yateye iteka Uburundi mu kwenurira abandi mw’ihiganwa mpuzamakungu(Jeux Olympiques) ryabereye i Londres, kuri uyu wa gatandatu yari yitavye ihiganwa Diamond League ryabereye mu gihugu c’Ubushinwa.

Francine Niyonsaba yirutse umwanya ata wundi murundi arakoresha mu biruka imetero amajana umunani(800m) : iminota ibiri n’amatiyerese 33.

Uwo mwanya uteye igomwe niwo watumye atahukana ikibanza ca mbere mubo bariko barahiganwa ku metero amajana umunani, akurikirwa na Jepkosgei Janet wo mu gihugu ca Kenya, yakoresheje iminota ibiri n’umusegonda umwe. Ku rutonde twashoboye kuronka, umushinwa Wang Chunyu aboneka mu kibanza ca gatandatu, n’umwanya w’iminota ibiri n’amasegonda abiri nyene.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.