IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA yaronse ikibanza Uburundi bwaheruka mu mwaka 24 (...)

Francine NIYONSABA yaronse ikibanza Uburundi bwaheruka mu mwaka 24 iheze

lundi 21 Ntwarante 2016, par egide

Umudari w’inzahabu mu kibanza ca mbere nivyo umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yatahukanye mw’ihiganwa ryabereye i Portland muri Reta zunzubumwe za Amerika. Ico kibanza Uburundi bwaheruka kukironka haheze imyaka 24.

Inyuma y’ugutsindira uwo mudari w’inzahabu, Francine NIYONSABA yabwiye Abarundi bose hamwe n’abakunzi b’inkino ati : « Abarundi mwese abakunda inkino n’abatazikunda sindaronka akanya ko kugira ico nshikirije kw’iteka naraye nteye Uburundi bwacu mu makungu. Ariko nzogira ico nshikirije ejo aho bukera. Murakoze.»

Muri iryo higanwa nyene, uwundi murundi, Antoine GAKEME, yatahukanye ikibanza ca kabiri mu basiganwa ku metero amajana umunani (800m).
Antoine GAKEME yirutse izo metero amajana umunani mu mwanya ungana na 1:46.65, ikibanza ca mbere kikaba cafashe umunyamerika Boris BERIAN yagize umwanya ungana na 1:45.83.

Umurundikazi Diane NIYUKURI nawe akaba muri iryo higanwa mpuzamakungu yatahukanye ikibanza ca gatatu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.