Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Francine Niyonsaba yasubiriye gutahukana ikibanza ca mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine Niyonsaba yasubiriye gutahukana ikibanza ca mbere

Francine Niyonsaba yasubiriye gutahukana ikibanza ca mbere

dimanche 7 Mukakaro 2013

Francine Niyonsaba, umunonotsi rurangiranwa w’umurundikazi yaraye asubiriye gutera iteka igihugu c’Uburundi mw’ihiganwa meeting Ligue de Diament ryariko ribera i Paris-Saint-Denis mu gihugu c’Ubufaransa. Ku metero amajana umunani.

Francine Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere ku mwanya wa 1’57’’26, akaba yenuriye umunyemarokekazi Malika Akkaoui yatahanye umwanya wa 1’57’’64, hakurikira umunyamerikakazi Alysia Montano mu kibanza ca gatatu n’umwanya wa 1’57’’75.

Mu gihe uwo murundikazi aturuka mu ntara ya Ruyigi amaze iminsi akora ibitangaza, aho mbere ariwe ari nawe ari mu kibanza ca mbere ku biruka imetero amajana umunani kw’isi yose, twashimye kubamenyesha ibihe bikuru bikuru vyaranze uwo munonotsi imbere y’uko ashikira ico kibanza ku rwego rw’isi yose.

Francine Niyonsaba yatanguye kumenyekana ku rwego mpuzamakungu ubwa mbere mw’ihiganwa rya Afrika ryo mu mwaka w’2012 i Porto-Novo mu gihugu Bénin. Muri iryo higanwa, yatahukanye ikibanza ca mbere ku mwanya w’umunota umwe, amasegonda 59 na tiyerese imwe, naho atari bwamenyekane. Abanonotsi bari bariharije ico kibanza nka Eunice Sum wo muri Kenya na Malika Akkaoui wo muri Maroc bakaba batabonye aho yaciye. Mu kwezi kwa Mukakaro uwo mwaka nyene, yatahiye ikibanza c’umwanya mwiza wa mbere ku rwego rw’igihugu mw’ihiganwa meeting Herculis ry’i Monaco mu Bufaransa arushije umurusiyakazi Elena Kofanova ku mwanya w’umunota umwe, amasogonda 58 n’amatiyerese 68.

Uwo mwanya niwo waciye umuha uburenganzira bwo guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu ryo mu mwaka w’2012 ryabereye i Londres. Ariko rero barayamaze bati : " Nta nyambo itabura agahonzi." Muri iryo higanwa, Francine Niyonsaba ntiyorohewe na gato kuko yatahukanye ikibanza c’indwi mu gice ca nyuma c’abiruka imetero amajana umunani ku mwanya w’umunota umwe, amasogonda 59 n’amatiyerese 63, ivyo ariko bikaba vyaturutse ku kubera yari yakomeretse ku kuguru.

Inyuma y’aho ntiyacitse inguvu kuko yagumanye ihangiro yari yihaye ryo kuba rurangiranwa. Ku genekerezo rya 7 Nyakanga, mu gihugu c’Ububirigi muri Mémorial Van Damme yo mu gisagara ca Bruxelles, yatahukanye ikibanza ca mbere, asiga Pamela Jelimo wo mu gihugu ca Kenya na Mariya Savinova wo mu gihugu c’Uburusiya, ari nawe yari afise ico kibanza ca mbere.

Ubu rero aho bigeze kw’isi nzima muvy’abanonotsi, nta kindi kivugwa atari ubwo buhinga bw’umunonotsi Francine Niyonsaba afise ikibanza ca mbere kw’isi yose ku biruka imetero amajana umunani, ubwo buhinga bukaba bukomeza gutangaza benshi.

Ku barutse vuba, twobamenyesha ko ata wundi munonotsi yari bwaronke ikibanza ca mbere ku rwego rw’isi yose inyuma ya Venuste Niyongabo yatahukanye ikibanza ca mbere ku biruka imetero ibihumbi bitanu mw’ihiganwa mpuzamakungu ryabereye i Atlanta mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, mu mwaka w’1996.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.