IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri

Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri

dimanche 21 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurundikazi Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri, mu gice ca nyuma c’abasiganwa ku metero amajana umunani, mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques 2016" ryariko ribera i Rio de Janeiro.

Ikibanza ca mbere catahukanye umunonotsi Caster SEMENYA wo muri Afrika y’epfo yirutse imitero amajana umunani, mu mwanya ungana na 1:55.28. Caster SEMENYA yatsindiye umudari w’inzahabu.

Ikibanza ca kabiri catahukanye umurundikazi Francine NIYONSABA yirutse izo metero amajana umunani mu mwanya ungana na 1:56.49. NIYONSABA yatahukanye umudari w’ifeza.

Ikibanza ca gatatu kirimwo Margaret Wambui wo mu gihugu ca Kenya, yirutse imetero amajana umunani nyene mu mwanya ungana na 1:56.89, atahukana umudari w’umujumbu. Uwo mudari Francine NIYONSABA aronse niwo ugize kabiri uronse Uburundi, mu mateka y’ico gihugu. Umudari wa mbere watahukanwe na Venuste NIYONGABO i Atlanta, mu mwaka w’1996.

Mu kibanza ca nyuma hari umunya Canada Melissa Bishop yirutse izo metero mu mwanya ungana na 1:57.02


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.