Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
François Bozize yitwariye igihugu ca Tchad - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > François Bozize yitwariye igihugu ca Tchad

François Bozize yitwariye igihugu ca Tchad

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Uwahoze ari umukuru wa Repubulika Centrafrica, François Bozize, yitwariye igihugu ca Tchad kuba carafashije umurwi wamurwanya kumukura ku butegetsi haheze iminsi icumi.

Bozize yabwiye abamenyeshamakuru ko abasirikare karuhariwe bo muri Tchad aribo bateguye ibitero vya nyuma , birimwo n’igitero cakozwe ku basirikare bo muri Africa y’epfo bari muri Centrafrika, cumi na batatu muri bo bakahasiga ubuzima.

Leta ya Tchad ntaco iravuga kuri ivyo birego vya François Bozize.
Aho muri Tchad hateganijwe kuri uyu wa gatatu inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere, izokwiga ikibazo co muri Repubulika ya Centrafrika.

Umukuru wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, vyitezwe ko azoba ari muri iyo nama.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.