Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo rwa François Hollande na Julie Gayet ruriko rurashuha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo rwa François Hollande na Julie Gayet ruriko rurashuha mu (...)

Urukundo rwa François Hollande na Julie Gayet ruriko rurashuha mu mpisho

vendredi 7 Ntwarante 2014

Naho François Hollande, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa atarashira ahabona imigenderanire y’urukundo ruri hagati yiwe n’umukinyi w’amareresi Julie Gayet, imigenderanire yoyo iriho. Baciye ku butumwa bugufi sms no guhamagarana kuri za gendanwa niho bayagira.

Kuva hamenyekanye imigenderanire iri hagati ya François Hollande n’umukinyi w’amareresi Julie Gayet, uwo mukinyi ntiyasubiriye kuza araja ahabona cane. Bivugwa ko yigumira mu nzu yiwe asanzwe akoreramwo, iri ku murwa mukuru w’igihugu c’ubufaransa Paris. Aho niho yigumira umunsi wose n’abagenzi biwe. Naho rero atawoba aramubona ari kumwe na Hollande, boba baguma bandikiranira ubutumwa bugufi sms umunsi wose. Abagereye abo bantu babiri, babonako bazogenda berekana urukundo rwabo buhoro buhoro.

Umukuru w’igihugu François Hollande nawe nyene arabinyegeza cane, bituma rero aba n’abandi bibaza ko yoba adashaka ku bababaza uwo baherutse kuvana Valerie Trierweiler. Ariko rero, abegereye Julie Gayet bavuga ko naho vyoba uko ata kosa ryoba ririmwo, kubera Hollande na Valerie bahebanye kera. Ivyo yabimenyesheje ku kinyamakuru Paris Match.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.