Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
François Hollande ari Umumenyeshamakuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > François Hollande ari Umumenyeshamakuru

François Hollande ari Umumenyeshamakuru

lundi 3 Ruhuhuma 2014

Abahoze bakorana mu kinyamakuru Matin de Paris n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande bamubona nk’umuntu afise ivyiyumviro vy’intwaro rusangi nk’ivy’abo mu mugambwe w’aba Socialiste, babivuga babikuye ku makuru yatanga muri ico kimenyeshamakuru.

Hagati y’umwaka w’1985 na 1986, François Hollande yatanga amakuru mu kimenyeshamakuru Matin de Paris. Nk’uko tubikura ku muhora Yahoo.com., uwo mutegetsi yama azinduka ku pikipiki yiwe atwaye amakuru y’ubutuzi, kw’ibarabara Garant l’engin au 7, rue Hérold,, ahakorera Matin de Paris. Ico gihe, Hollande yari umunyamabanga muri Cour des Comptes kandi yari amaze kuboneka nk’uwushigikiye ivyiyimviro n’imigambi y’abo mu mugambwe w’aba Socialiste. Hollande ntiyitwara nk’umumenyeshamakuru iminsi yose, kuko yanka kumenyerana cane n’abamenyeshamakuru bo muri ico gihugu.

Nk’uko umuhora Yahoo! ubivuga , Philippe Douroux bahoze bakorana na François Hollande muri Matin de Paris avuga ati : «Ico gihe yazindukana impapuro ziriko amakuru yiwe n’umunezero mwinshi. Yama aza mu masaha yo mu gitondo agatanga amakuru yiwe agaca yisubirira inyuma. Aho hose yanka kuja mu nama ntunganya bikorwa y’ikinyamakuru Conférence de Rédaction, kuko yanka ibibazo vy’abatavuga rumwe n’umugambwe w’aba Socialiste. Ntiyagomba ko hari ico bobimubazako. Ivyo bibazo bakunda kubivuga bari mu bunywero bwari munsi y’aho bakorera, eka naho nyene ntiyabitebamwo yaca yurira ya pikipiki yiwe akabasezera. »

Henri Quiqueré, nawe nyene yahoze muri Matin de Paris, avuga ko Hollande yari umuntu mwiza, atekereza kandi w’umutezi w’inkuru. Ati : « Jewe nibaza ko yakunda abamenyeshamakuru kuko yagomba kwifata nk’abo. Twamubona nk’uwo mu mugambwe w’aba Socialiste mu kimenyeshamakuru cacu mu gushigikira ubutegetsi bw’ico gihe»

Ico gihe amakuru ya poritike n’ayubutunzi yaca muri Matin de Paris yarahengamiye cane ku vyiyumviro vy’ubutegetsi bwa Mitterand


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.