Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
François Hollande yasozereye urugendo yahoramwo muri Reta zunzubumwe za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > François Hollande yasozereye urugendo yahoramwo muri Reta zunzubumwe za (...)

François Hollande yasozereye urugendo yahoramwo muri Reta zunzubumwe za Amerika

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande ari mu rugendo rw’iminsi itatu guhera ku munsi wa mbere aho yahuye na Barack obama, umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene boteza imbere ivyo guhanahana ibidandazwa.

Guhera ku munsi wa mbere igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2014, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande ari mu rugendo muri Reta zunzubumwe za Amerika.
Mu nama hagati y’abakuru b’ivyo ibihugu uko ari babiri, bavuganye cane ivyo guteza imbere imigenderanire mu vyerekeye urudandazwa n’abanyamitahe. Nk’uko vyemezwa n’abo bakuru b’ibihugu babiri, amasezerano bagiriraniye azotuma haboneka ubuzi hamwe n’uturyo twinshi two gushora hanze, na cane cane amashirahamwe mato mato yo muri ivyo bihugu uko ari bibiri azohungukira cane. Barack Obama yashimye kandi ubwira n’ubukerebutsi bwa mugenzi we wo mu gihugu c’ubufaransa.

Ku mugoroba w’ejo ku munsi wa kabiri, abo bakuru b’ibihugu uko ari babiri baciye bahura basangira akavunamusase, hakaba hari abatumire bagera ku 300. François Hollande akaba yari wenyene atari kumwe n’umupfasoni wiwe baheruka kwahukana, akaba yari yicaye hagati ya Obama umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika hamwe n’umupfasoni wiwe Michelle Obama.


Floxella Karire

Messages

  • Yooo.ubwose uriya ngo ni frasois holland yarabony’imangene kwicara hagati yabantu bubatse.nawe warahukanye bibabaza.nizere ko bahanuranye.kuri kiriya kibazo.ikindi obama nawe abe yabonye yuko umugabo atagir’umugore ab’ameze nkigicibwa mubandi bagabo.inama zabo zo guteza imbere ubucuruzi nibazireke babanze batez’imbere imyumvire yabo yo kwirukana abagore.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.