Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
François Hollande yitiranya abashinwa n’abayapani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > François Hollande yitiranya abashinwa n’abayapani

François Hollande yitiranya abashinwa n’abayapani

samedi 8 Ruheshi 2013

François Hollande umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, yarihenze gato mu gihe yari mu rugendo kuri uyo wa gatanu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013, mu gihugu c’Ubuyapani. Hollande rero yitiranije abashinwa n’aba yapani.

Hari mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru arikumwe n’umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani Shinzo Abe, aho François Hollande yihenda mu gihe yariko aravuga kubijanye n’abafungwa bafashijwe kw’idegemvya muri ico gikorwa hakarwamwo abayapani bashika cumi hari mu kwezi kwa mbere i In Amenas mu gihugu ca Algeriya niho, aho guhoza abayapani yahojeje aba shinois.

Ukwo kwihenda rero ngo kwari gukwira amahanga iyo uwariko aramusubiramwo amajwi adaca akosora iryo kosa ubwiwe. Umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani ntanakimwe yashoboye kwumva ariko abamenyeshamakuru benshi b’abafaransa bari bagiye aho mu buyapani ntibatevye kuvyararaza naho umuvugize wa Hollande yavuze ko yari arushe.

Imigenderanire y’ubu chinois n’ubuyapani ntiyari yifashe neza mu biringo biheze.
Ukudahuza kw’abo, vyavuye k’ubutaka bw’abashinwa bwari bwifatiwe n’abasirikare b’abayapani mu myaka y’1930 gushika 1945 bigatuma abachinwa bagumana inzigo.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.