IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > FVS AMADE yatanguye gutanga ibikoresho ku bana batishoboye

FVS AMADE yatanguye gutanga ibikoresho ku bana batishoboye

vendredi 1er Myandagaro 2014

Abana ba ntaho nikora hamwe n’abana b’impfuvyi nibo baronkejwe imfashanyo y’ibikoresho vy’ishure n’ishirahamwe FVS AMADE muri komine ya Kanyosha.

Gordien Iradukunda ajejwe ibikorwa mw’ishirahamwe FVS AMADE, akaba yamenyesheje ko ibikoresho vyatanzwe bifise agaciro k’amafaranga agera ku miriyoni 15.439.036. Abana bakeneye imfashanyo itangwa na FVS AMADE bakaba bagera ku 2309. Iradukunda akaba avuga ko, imbere imfashanyo iryo shirahamwe ryazirondera mu bagiraneza, ariko kuva mu mwaka w’2010 ibintu bikaba vyarahindutse ku buryo izo mfashanyo bazironderera mw’ishirahamwe, no mu bakunzi b’ishirahamwe.

Abagiraneza canke abandi bari mu mashirahamwe atandukanye, bakaba basabwa nabo nyene guterera agacumu ku bumwe, mu gufasha impfuvyi canke abana bava mu miryango itishoboye mu baronsa ibikoresho vy’amashurengo bashobore kwiga nk’abandi


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.