Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabon : Uwuserukir​a igihugu ca Togo yatowe ikiziga ari kumwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Uwuserukir​a igihugu ca Togo yatowe ikiziga ari kumwe (...)

Gabon : Uwuserukir​a igihugu ca Togo yatowe ikiziga ari kumwe n’inkumi

mardi 13 Rusama 2014

Mu gihugu ca Gabon hari inkuru y’umubabaro yazindutse ivurwa y’umutegetsi aserukira igihugu ca Togo muri Gabon, yatowe ikiziga ari kumwe n’umwigeme nawe nyene basanze yapfuye.

Nk’uko vyashikirijwe n’ubuserukizi bwa Togo mu gihugu ca Gabon, ikiziga ca Essohanam Adewui yaserukira igihugu ca Togo muri Gabon catowe mu muduga wiwe basanze waguye mu kiyaga co ku kivuko c’ingenzi mu gisagara ca Libreville. Bikavurwa kandi ko yatowe muri uwo muduga ari kumwe n’umwigeme basanze nawe nyene yapfirye muri uwo muduga.

Naho gushika ubu ibijanye n’urupfu rwa Essohanam Adewui bitarashirwa ahabona, amakuru duhabwa n’abagenzi bacu bo mu gihugu ca Gabon, bavuga y’uko uyo mutegetsi yoba yari avuye muri twa tuzu tw’ubutambiro (Boite de nuit) hama avayo yanyoye utuyoga twinshi, ari navyo vyoba vyatumye agira isanganya akarwa mu ruzi atabibonye. Ico kivuko naco basanzemwo imodoka y’uwo mutegetsi kikaba gisanzwe ari ikivuko kigenderwamwo n’ingenzi zitari nke, kuko kiri hafi y’ikiyaga gikundwa.

Bivurwa kandi ko uyo mutegetsi atari ubwo mbere agwa mu ngorane ari kumwe n’umwigeme, kuko yari yarigeze no kugiriranira ingorane n’umwigeme w’umunyatogo mu buserukizi bw’igihugu ca Togo muri Gabon. Ibijanye n’urupfu rw’uwo mutegetsi, Reta ya Gabon ikaba ataco irabivugako, ariko ikaba yamenyesheje ko amatohoza agiye gutangura vuba.

Mwomenya ko Essohanam Adewui yari amaze imyaka itatu aserukira igihugu ca Togo muri Gabon.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.