IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Gabriel Rufyiri yavugishije isanamu mu gusaba irekurwa rya Bob (...)

Gabriel Rufyiri yavugishije isanamu mu gusaba irekurwa rya Bob Rugurika

jeudi 5 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umuhuza w’abarundi Muhamed Rukara yabwiye Gabriel Rufyiri umukuru wa OLUCOME, ko yahejeje ama dosiye yose yari yamushikirije, amubaza namba hari iyindi yoba asigaranye. Gabriel Rufyiri yamweretse isanamu ya Bob Rugurika, yanditseko ko yorekurwa.

Mu birori vy’ugushikiriza ibikorwa vyaranguwe n’urwego rw’umuhuza w’abarundi mu myaka ine iheze, Mohamed Rukara umuhuza w’abarundi yarashimiye bimwe bikomeye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, cane cane ishirahamwe OLUCOME. Mohamed Rukara yamenyesheje ko amadosiye yose agera kw’icumi, uwurongoye OLUCOME Gabriel Rufyiri yamushikirije yayakoze yose, ari naco gituma atakimubona mu biro iwe, kandi ubwa mbere ariho yama iminsi yose. Mohamed Rukara ati : "Wombeshuza imbere y’aba bantu. Hari iyindi woba ufise?"
Gabriel Rufyiri yaciye asohora isanamu iriko Bob Rugurika, yanditseko "Free Bob Rugurika", bisigura "Rekura Bob Rugurika"

Kurikira aha munsi isanamu yerekana Gabriel Rufyiri asavye umuhuza Rukara irekurwa rya Bob Rugurika


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.