Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gariela Isler yaraye atsinze ihiganwa rya Miss Univers - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gariela Isler yaraye atsinze ihiganwa rya Miss Univers

Gariela Isler yaraye atsinze ihiganwa rya Miss Univers

dimanche 10 Munyonyo 2013

Igitsibo c’ibuye ry’agaciro Diamants caraye cambitswe Gabriela Isler, aturuka mu gihugu ca Venezuela, yacambitswe na Olivia Culpo, Umunyamerika akora ku mboneshakure ari nawe yari yatahukanye ako gashimwe mu mwaka uheze, uwo afise imyaka 25. Abakobwa 86 bari bitavye ayo mahiganwa, hari n’abava mu bihugu vyo muri afrika.

Mu bari bagize umurwi w’iga abatsinda baraho harimwo umuririmvyi Steven Tyler ari mu murwi Aerosmith. Ibirori vyariko bibera mu nzu amahero iri mu gisagara ca Moscou, yitwa Crocus City Hall, aho abantu isinzi bariko babikwirikiranira ku mboneshakure. Thomas Roberts, Umunyamerika yariko atangaza uko ibirori biriko biragenda, mw’ijambo ryiwe yarasavye kwunamira Abanya Philipines ibihumbi cumi bahitanwe na nyamugigima. Ati : « Ntituzobibagira, turabatuye ibirori bigira bibe kuri uyu mugoroba.»

Abo 86 bariko bahiganwa babanje kwiyerekana bambaye amakanzu yirabura n’ayatukura, mu nyuma bambara twa duhuzu bita bikinis. Abari bahagarariye ivyo birori baciye batoramwo 16, ariko uwaserukiye Uburusiya ntiyashoboye gutorwa murabo, ivyo vyarateye urwamo kuko ico gihugu arico cari categuye ayo mahiganwa ubwa mbere inyuma y’imyaka 65 atangujwe kw’isi.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.