IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gasekebuye : Abasuma biba mw’ijoro hagati babaye ndanse

Gasekebuye : Abasuma biba mw’ijoro hagati babaye ndanse

lundi 3 Ntwarante 2014

Bamwe mu banyagihugu bo mu Gasekebuye mu gisagara ca Bujumbura, bamenyesha ko batewe umutima uhagaze n’abantu badodora mw’ijoro hagati ku mihana yabo, kandi bikagaragara ko ziba ari inkozi zikibi ziba zifise izindi ntumbero.

Ivyo bakabimenyesha mu gihe muri iyi ndwi twaraye turangije, imwe mu mihana yo muri iyo karitiye isanzwe iri muri komine Musaga, yatewe n’abasuma, nk’igihe c’isaha y’indwi z’ijoro. Abo basuma badodora ku mihana y’aho mu Gasekebuye, basaba kwinjira. Izo nkozi z’ikibi rero zoba zari nyinshi kandi zifise amahiri n’imipanga, nk’uko umunyezamu w’umwe mu mihana yatewe yabivuze. Umwanya utari muto ariko araterwa ubwoba n’abo basuma bari inyuma y’uruzitiro, akaba yarashoboye gutabaza abari mu nzu, akoresheje terefone ngendanwa ko batewe, abari mu nzu nabo barashobora gutabaza abaporisi. Barashimira cane abaporisi bo muri komine ya Kinindo ukuntu banyarutse kubatabara muri iryo joro, mu gihe bo babona ko ijoro ryagira ribabere rirerire.

Igitangaza bamwe mu banyagihugu baho mu Gasekebuye, akaba ari ingene iyo karitiye isanzwe ibamwo abanyacubahiro atari bake, kandi bafise n’ababacungerera umutekano benshi, ariko ugasanga baza gutabarwa n’abava mu Kinanira ca komine Kinindo. Basaba nyabuna ko abaporisi basanzwe bacungera abo banyacubahiro, boza barakizura, bagafasha gucungera umutekano w’abandi banyagihugu.

OP1 Pierre Claver Nkurikiye icegera c'umuvugizi w'igiporisi c'Uburundi

Kuri ayo makenga y’abo banyagihugu bo muri karitiye ya Gasekebuye, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre Nkurikiye avuga ko abanyagihugu boza baratabaza baciye ku nomero 117 kuri terefone, kugira batabarwe kare. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, amenyesha ko iyo nomero ubu isanzwe ikora, ivyo hari abahora bavuga ko baterefona bakabura uwubakira, ubu vyatorewe inyishu. Amenyesha kandi ko abaporisi basanzwe bacungereye abanyacubahiro, badashobora guta abo bacungereye umutekano, gusa bagashobora gufasha iyo ibintu vyakomeye aho mu karere baba batumbereyemwo. Abandanya avuga ko abaporisi ubu baba bariko baragenzura ibice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, mu gutesha abo bose baba bafise intumbero zo kwiba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abajejwe umutekano barakwiye kurwizwa muma karatiye yose y’igisagara ca Bujumbura. Bakanyarukira naho hose boba babakuye gutabara amazi atararenga inkombe!!!
    Mbega yemwe vyagenze gute abanyagesekebuye baterwe? Boba ari abasuma canke abagizi ba nabi biyadukije? N’ukubaza neza!!
    Sangwa amahoro mu vyanyu no mu banyu!!

  • Abajejwe umutekano nibagerageze baringanize neza ingene bacungerera umutekano abanyagihugu kuko bobo bararuhijwe n’intambara.Ubu naho twavuga ngo hari agahengwe abasuma nabo baciye basara.Umukuru w’igisagara ca Bujumbura cane cane be n’ujejwe umutekano ni bagishe inama abo banyacubahiro bafise ababacungera, mw’ijoro ni bave kurayo mazu yabo baje ku ma positions inyuma ya quartier kugirango babuze abo basuma binjira kandi naho bobaca muryahumye umuntu atewe amenye aho atabariza hafi.Abanyagihugu nabonyene ntibicwe n’ubwoba baje baratabarana.Ayo mazu atuzuye akiri mu nyubako baje bararaba abaharara ko bafise ivya ngombwa bibaranga.Chef de quartier nawe nagirishe inama y’umutekano muri quartier ajejwe kandi nabo bakuru bemere baze guterera ivyiyumviro muri izo nama.Umutekano n’uw’umuntu wese utaravye igihagararo ciwe,kanatsinda ubishoboye niwe yokingira abandi.Tabarana kuko ivyo biri mu mico y’igihugu cacu.

  • Il Faudra Bien Garder La Securite,mettre Beaucoup Des Polices Dans Ce Quartier Menager Qui Travaillent Pendant La Nuit Seulement En Cas De Faciliter Leurs Taches.

  • Ndaramukije Iknyamakuru Igihe.Kuri Iyi Nkuru Ijanye Numutekeno Muke Muri Karatiye Ya Gasekebuye Izo Nkozi Zikibi Ntiziramenyekana Nko Kumvo Zamatohoz?I Giheta Naho Mu Gitega Hariho Ibice Vyinshi Vyaraguyemwo Urubura Ruteye Ubwoba Gushika Aho Rumara Ikiringo C Iminsi Itatu.Ivyo Vyabaye Mu Mpera Z Ukwezi Kwa Ruhuhuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.