IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gaston SINDIMWO : Ibikino vyarangiye

Gaston SINDIMWO : Ibikino vyarangiye

jeudi 5 Munyonyo 2015, par egide

Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nawe nyene aragabisha abanyagihugu batunze ibirwanisho batabifitiye uburenganzira. Gaston SINDIMWO ati : Hageze ko ibikorwa bitangura.

Aherekejwe n’abashikiranganji batanu, uw’umutekano, uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwo kwivuna abansi, uw’ubutungane hamwe n’uw’ugutumatumanako amakuru, Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagendeye kuri uwu wa gatatu komine MUHA. Amajambo yashikirijwe muri uwo mubonano yagarutse ku minsi itanu umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka gutanga kugira kuva kw’igenekerezo ry’umunani uku kwezi kwa Munyonyo 2015, inzego zijejwe umutekano zizobe zifise uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura.

Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko ibikino vyarangiye, hageze ko ibikorwa bitangura amajambo agahagarikwa.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikoresho bikomakomeye bishobora gukoresha kugira umutekano ugaruke, harimwo n’indege za gisirikare.

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu nyene, amasasu menshi n’amagerenade vyarumvikanye mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura muri zone za Cibitoke na Mutakura. Abantu babiri bahora baba ku Mutakura nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana ku Mutakura kw’ibarabara ry’umunani. Ababanyi b’abo basezeye isi bakavuga ko barashwe n’abaporisi bo muri API (Appui pour la protection des institutions). Uwundi muntu umwe yariko arataha ari mu muduga wo mu bwoko bwa PROBOX yarishwe, ababonye ikiziga ciwe bakavuga ko yakuwemwo umutima.


IGIHE

Messages

  • Komere muzehe garukira garukira abanyagisagara ca bujumbura mukudukurako abo bicanyi nabasahuzi bigize ndanse mumakaritiye amwe amwe ya bujumbura.

  • sindimwo abakera barayamaze ngo urucira mukaso rugatwara nyoko ubwicanyi muriko murategura buzabagaruka

  • sindimwo abakera barayamaze ngo urucira mukaso rugatwara nyoko ubwicanyi muriko murategura buzabagaruka

  • Mana, ni wewe waremye Uburundi n,abarundi none uremeye intama zawe zitikire zizira iinda ndende y’abungere wazihaye? Ni wewe mwungere mukiri turagutakambiye urabishe amaso yawe y’ikigongwe Bose maze uruhongore rube rumwe.Hasigaye ahawe Umukama kuko abarinde bararushe.

  • Sindimwo nahomuzozana drones tuzozikorora! Kandahuri harabandi.iyombwa yumututsi

  • Ahubwo Amakungu Nadutabare Kuko Twatewe N Interahamwe FDRL.Mu Mico Y Ikirundi Ivyo Kubaga Abantu Ntibimenyerewe!.Amakungu Ntazovuge Ngo Ibimenyetso Ntibikwiye!.

  • Mbiga ubu pita pita asigay arya imitima ya bantu ?nivyo abadayimoni ba mutegetse nihari kweli

  • MURIYOMISITANU DUKENEYE GUSUBIZ IBINTU MUBURYO KUBER ABASHAKA KUGARUKANA RETA HIMA BARACARIHO NIYOMPANVU DUKENEYE KUBAMESA,KANDI ABANKABAGUMYABANGA BAZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA

  • Bandanya muvugutira izo njavyi, kuko hari insécurité Ubuzima bwabanyagihugu buca butosekara noneho, Abakera barayavumereye bati: uwikwegeye umuriro aramenya igene ayota. Abo banyagihugu batunze ibirwanisho nibamenye yuko ari Danger public et danger pour eux même.

  • emwe!ngg
    o nindege zinrwano zizokoreshwa kubenegihugu! igipolisi cananiwe nubundi buhinga bwo gutora ibirwanisho batish inzira karengane? reta yaba gaston yemeje kohariho rebellion. emera ibiganiro hakiri kare! na buyoya yatanguye kunna mwisho yaremeye

  • Konumva Bikaze Baratumara Twebwe Abanyagihugu

  • va mumajambo muje mubikorwa agapfakaburiwe ni mpongo nibakureyo abanyagihugu atacobiyagiriza babashire kukibuga cakotebu bazohakura isomo abajejwe umutekano bahakontorore

  • iciza sugukoresha indege canke ibirwanisho bikomakomeye,ahubwo nibarondere ico bivako ahandiho bagira badusamburire igihugu.

  • NIMURABEKO MWOSENGERA UBURUNDI MBEGA IYOMISI UMUNANI YATANZE NTIYOKWAKA IMBONERAKURE NAZO AHUBWO NAKURE ABANTUMUGISAGARA BADUGE RUGURU MBEGA YUNVAKOBIZIJANA

  • yemweyemwe,.uburundin.tibuginya.imana.muhindukire,imanamusenge.mureke.ubwicanya

  • NITWIKEBUKE TUREKE GUHENDWA NABANYEPORTIK

  • Ntibyumvikana ubundise mwari mumikino? izo ndege se zizaba zije kwaka ibigwanisho abanyagihugu?canke zizaba zije kubamara?bamwe Reveriyano yavugaga ngo begeranye inkoho n amagrenade bo si ibanyagihugu?birumvikanako hari umugambi Leta ifise yo kwica bamwe ikoresheje abandi ariko Imana ntijya yemerako abagizi banabi batsinda iyi leta imeze nkiyabatabazi yo muri 1994 mu Rwanda!abafise umutima mutabare

  • NITWIKEBUKE TUREKE GUHENDWA NABANYEPORTIK

  • Mana garukira uburundi abantu ntibagitinya ubuzi bwumumuntu

  • IMANA NIFASHE ABARUNDI HAREGERANYE AHO UMUNTU AKUNDA AMEHERA GUSUMBA FAMILLE YIWE. MAMA WIWE NA SE WIWE NABENEWABO AHO BWIYE ABAPOLICE NABA SOLDANTS BABATUTSI AYO MAPETE MWAYAROSE NGO MWICE BENEWANYU MWABAMENJA MWE IYOMITI MWANYOYE MURI ZA PRIMUS MWISHIGE PETER MUNYUMA NIMWEBWE RABA AYO BAKOREYE BIKOMANGU JUJUTA BASHA!

  • Décryptage de la video de France 24 sur les rebelles burundais au Rwanda. http://goo.gl/OIZpVk

    QUELLES SERAIENT LES CONSÉQUENCES D’UNE GUERRE ENTRE LE BURUNDI ET LE RWANDA ? http://goo.gl/zGJYi7

  • Iyo ninzara ibakosha uko ico mwomenya ubwo ntibuherengetera umuti siwo kwica ahubwo nuguza hamwe mukicara mukatorera umuti ivyobibazo vyose kumwe gusa uwari we wese ko azopfa.

  • Iyo ninzara ibakosha uko ico mwomenya ubwo ntibuherengetera umuti siwo kwica ahubwo nuguza hamwe mukicara mukatorera umuti ivyobibazo vyose kumwe gusa uwari we wese ko azopfa.

  • Mumenye.Uko.Mwica.Abandi.Ijisho.Ryimana.Rirabona.Muca.Icobo.Imana.Ica.Icanzo.Gira.Ivyo.Mwiyunvira.Tuzoraba.Kwimigambi.Yanyu.Ihwanye.Nivyimana.Igomba

  • abo boprisi bo muri API babandanya kwica abanyagihugu ataco babagiriza amaherezo yabo azoba ayahe?ico kumenya nuko impera n’imperuka bazobibazwa nubwo hazohera imyaka n’iyindi.ubutungane bwuzuriza bose hazogire bukore aho atamutegetsi azobutamika ijambo canke ngabushire mu kwaha kwiwe.

  • JEW NUKURI VYA NSHIMISHIJE AHUBWO BARIBARATEVYE

  • ABASENGA NIMUSENGERE IGIHUGU CUBURUNDI NABARUNDI TUGEZE AHATEMBA IMANA ITURWANIRE

  • Barundi benewacu,

    Ntihagire uwumviriza akamo ka Nkurumbi n’umukuru w’inama nkenguzamateka ko kumara benewanyu. Reke ivyo bipfamutima vyijane. Mwarabonye inkwirikizi y’amajambo y’ubw’icanyi mu Rwanda. Abayashikirije bapfuye bangara.
    Rabe Nkurumbi yamaze guhungisha abiwe, ikimenyetso c’ubuhemu. Mbega none twe tutagira iyo duhungira bizogenda gute? Ntihagire uwubumviriza ngo ahave arya n’urwara mwene wabo, tubareke bitembane, baze babazwe bonyene amaraso basheshe. Imana ikingire Uburundi.

  • Imana yakuduhaye Burundi Ikudutungire..!

  • Emwe Ivyo Muburundi Twaraheberany!!! Kirya Gihugu Ni Kwa Rambo

  • Emwe Ivyo Muburundi Twaraheberany!!! Kirya Gihugu Ni Kwa Rambo

  • Bahinyanyure nka kwakundi erega izombwa zizi ngo turacari 1972 ubuni 2015 icobatazi nibabaze abaciye munkambi za rukore,nduta,mutabira,kanembwa nahandi ubu abarundi bumutima benshi baraciyubwenge kiretse izomba zo kumutakura ngagara nyakabiga mugaga bibazango nkurunziza aratinya? Baramubaza amasasu yamwinjiyemwo turi muri congo hanyuma baboneko atari yasake bica inkonayoyo ntiyaruzwa kirazira PNB tsinda iterabwoba abazi ico mwamaze le13/7/2015 turibeshi ntituzokwihanganira izo njavyi

  • Ibi Bintu Bashaka Gukorera Abarundi Ntibibaze Ko Bizohitana Gusa Uwinyuma Yinzu,hari Igihe Vyozohitana Umukuru Wumuryango Wabo Bashaka Kudabanganya Igihugu(cdd_fdd),sokuru Ati"urucira Mukaso Rugahitana Nyoko".Imana Ikinjishe Uwo Wese Atazosesa Amaraso Y’umubanyi Wiwe

  • Yemwe Sinzi Ko Ari Ivyahanuwe Biriko Birashika /abana Bararira Mana Baririra Abavyeyi Babo Nabavyeyi Bararira Mana Baririra Abana Babo Mana Tabara Tabara Abarundi Birarenze Kwica Bagirako Babaga Mbega Bo Ntibazopfa?Kandi Bitebe Bitebuke Uhoraho Nyeningabo Azobacira Urubanza Igufa Na Rigenzi Ryaryo Ezechiel37:1 Kubandanya Rero Abariko Bicwa Ndibaza Ko Naho Bicwa Bitaba Birangiye Mana Raba Ugutemba Kwamosozi Yacu Mana Waduhevye.Ariko Ngo Uhoraho Yavuze Ngo Ntaho Nzoguta Ntaho Nzoguheba.Twihanga Ibibiriko Bidushikako Aha Musi Yizuba Bizorangira

  • WE Fidele,Reveiano yavuze ko agombo ama pariseli indege rero zizoza guhonya abantu yironkere izo pariseri.Ego avuga ko yari imikino kuko vyafashe umwanya muremure baza bararasana, ubu ni iminota gusa baca bazika vyooooose!

  • ICO MBONA CO ABARUND TURACAPFUY KUBERA INTWARO MBI YUBWICANYI.MUSHAKA MWOHINDURA INGENDO.

  • None ko reta yiyamiriz ko atantambar igir ib non nkiz ndeg zofash ik atar kumar abanyagihug?

  • Muzonezerezwa nuko muduhoneje canke ababanyi baduhezeko?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.