IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gatumba : Umunywanyi wa FNL ya Rwasa Agathon yagandaguwe

Gatumba : Umunywanyi wa FNL ya Rwasa Agathon yagandaguwe

mardi 14 Gitugutu 2014

Déo Barakekenwa, umunywanyi w’umugambwe FNL ishami rirongowe na Rwasa Agathon, akaba ari nawe yahora arongoye uwo mugambwe mu gacimbiri ka Mushasha ya mbere, yagandaguwe.

Iyo ndongozi yo ku rwego rw’agacimbiri ka Mushasha ya mbere mu Gatumba, Déo Barakekenwa yagandaguwe n’umuntu yamuhamagaye, amubwira aho yomusanga. Ageze nko ku metero zitatu kugira amushikire uwo yari amuhamagaye, yaciye araswa n’umuntu yari yambaye igikoti cirabura.

Mu mugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko ubwo bwicanyi bufitaniye isano n’imvo za poritike, kuko atabaye uwa mbere muri uwo mugambwe agandaguwe muri ubwo buryo, kandi ko uwo Déo Barakekenwa, atawe bari bafitaniye amatati mu kibano. Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ati : " Birateye isoni kwumva hari umuntu agandagurwa kubera ivyiyumviro vyiwe vya poritike ." Ku bwiwe, ubudasa bw’ivyiyumviro muri poritike ntivyosigura ko umuntu yobizira, ahubwo vyari bikwiye kuba isoko ry’iterambere. Rwasa Agathon asigura ko kugandagura abanywanyi biwe bifise intumbero yo gutera ubwoba abamuyoboka, kuko amatora yimirije, agasaba ko iyo ngendo yohagarara. Reta nayo ayisaba kureka kwama iririmba ko amahoro yakwiye igihugu cose, kandi abantu badasiba kugandagurwa mu bunyamaswa, ahubwo ku bwiwe muri Reta batahure ko ibirwanisho bitangwa mu banyagihugu.

N’aho biboneka nk’uko umenga nta cizere afise, Rwasa Agathon asaba ko amatohoza yokorwa, abagandagura abanywanyi biwe bamenyekane.


Egide Nduwimana

Messages

  • bareke batwice ariko bibuke ko ntajoro ridaca!!!

  • Ariko karashize ingani abantu bagume bakwurwamwo umwumwe (nk’umuboho w’inkwi bavunagura rumwe rumwe)!Common Rwasa!Tuzogeza ryari kuvugisha ururimi atakintu kinobeka cokugira ibi bintu bihagarare!!!Imvugo yonyene ntihagije kuko abaDD n’izo mbonerakure aho guhagarika bongerezaumurego.SVP hagire igikorwa kuko n’abo nyene bava amaraso.

  • baratanguye kare mbega rwasa bamutinyiriki ubobagusa bwamato harakantu amatora niyatangura hotuzaguhona

  • umurundi apfuye uburundi buba buhomvye reka iyo ngendo! imigambwe irahera ariko abarundi nuburundi bizogumaho gushika isi irandutse!

  • MSD UYUMWAKA ABANYAMIGAMBWE MWESE GUGERA KUWURI KUBUTEGETSI NIYIRIKUMWE NAWO, NOKUBANDANYA KUYOTWITA KO ARIYA OPPOSITION S MUFASHANYE KURINDIRANIRA UMUTEKANO KUKO SINDUHIJE ALEXIS YARAYE YEMEREWE AKAYABU NIGIHUGUKIMWE NGOKUGIRA ARONDERE ABOMUMUGAMBWE WIWE AKORESHA MUKUDURUMBANYA UMUTEKENO MUBUEUNDI IMBEREYUKO AMATORA ABA, ICAMBERE AGOMBAGUHERAKO NUKUBWIRA ABA MSD BARI BURUNDI BATANGURE KUGARARIZA IMYITEGUROYOSE YAMARORA.

  • Banamarimwe ba FNL muba muri Africa Yepfo, muratumiwe mubikorwa co kwiyamiriza, Umwicanyi Petero Nkurunziza, no kumushengeza imbere yamakungu kubwicanyi akorera abanamarimwe. Ico gikorwa kizobera I Cape Town muri Africa Yepfo. Sidukana niyonka maze tuze tumwereke ko ivyo akora vyo kugenda abundandabunda tubizi.

  • KO MUTATUBWIYE ABATABA MURI SUD AFRICA NGO TUJE KUBAFATA MU MUGONGO MURI AUSTRALIA TURI KUMWE NAMWE NATWE TURITEGUYE KUZIYAMIRIZA UYO MWICANYI.

  • Eka mukuru wigihugu cacu igihugu camavukiro niwe yatwirukanye ntubu akibandanya kwirukana nabaribasigaye none azokibamwo arumwe? Ivyo uguma ugirira bene gihugu bizagusubirako murabo uriko uragandagura ntiwibagire ko atanumwe waremwe bigatuma twibuka uwahoze arongoye igihugu mumahoro BAGAZA azagukugwa na mwene wanyu mubwicanyi BUYOYA kubyaje BURUNDI ndabukunda mugabo zomfira mugahiga nabuhebeye abishinze kwica nkawe

  • Oya mwenedata,ntugire uko ishavu rigize ngo Rwasa ni aakore reaction nabo bava aamaraso,je ndizeye neza 100%Mutama wacu Agathon Ni umunyamitwe kandi ntahuruduka,kko abo BA DD Bo bashaka nawe ace yihora bace baronka aho bamufatiye,ico nokumenyesha umudereva wacu Rwasa agora Ku kirangamunsi,ubwo batwice canke bareke,Mutama hari ico arindiriye Ni hagera,umuheto murazi ko atawuturusha ico gihugu tuzokibohoza mu kanya isase maze bene Burundi biruhutse.Viva Mutama Rwasa Viva!

  • Oya mwenedata,ntugire uko ishavu rigize ngo Rwasa ni aakore reaction nabo bava aamaraso,je ndizeye neza 100%Mutama wacu Agathon Ni umunyamitwe kandi ntahuruduka,kko abo BA DD Bo bashaka nawe ace yihora bace baronka aho bamufatiye,ico nokumenyesha umudereva wacu Rwasa agora Ku kirangamunsi,ubwo batwice canke bareke,Mutama hari ico arindiriye Ni hagera,umuheto murazi ko atawuturusha ico gihugu tuzokibohoza mu kanya isase maze bene Burundi biruhutse.Viva Mutama Rwasa Viva!

  • Emwe namwe imitwe yanyu, Petero uyo mu nyagihugu mbega bapfa iki ? Bashaka kwica uwo ni we yokwica ? Yokwica big fish ko ariyo iteye ubwoba.Naye ubwo bwicanyi muvuga nta na hanwe butaba kwisi abantu bicana bakoresheje inkoho bapfa ibintu bitandukanye. Mbega ni nde yagize itohoza akamenya ko ari imvo za politique uwo yaphuye azira ? Birashoboka mais il ne faut pas conclure gratuitement , nta numwe aramenya icatumye yicwa ashobora kuba yazize umugore wabandi, amatongo, politique canke ibindi tutazi. Seulement birababaje kubona umuntu yicwabunyamaswa uwariwe wese niyaba azize politique hoho mugani wa Rwasa nyene vyoba biteye isoni. Ubwicanyi ubwaribwo bwose turakwiye kubwiyamiriza twivuye inyuma mugabo tutarinze guta ururimi mu kubeshera abo wosanga ata nuruhara na rutoya babifisemwo. Imana imwakire mu bwami bwayo kandi umuryango wihangahe.

  • Benedata nimureke gutururimi ubutungane bwikorere mwoye kubeshera uwo mutazi kuko iyumuntu yaphuye havyurwa vyishi,ubutungane bukore uwovyagira ahanwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.