Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gaza : Abantu ijana nibo bamaze kugandagurwa mu minsi ine - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Gaza : Abantu ijana nibo bamaze kugandagurwa mu minsi ine

Gaza : Abantu ijana nibo bamaze kugandagurwa mu minsi ine

vendredi 11 Mukakaro 2014

Abantu barenga ijana nibo bamaze kugandagurwa i Gaza mu bitero bihamaze iminsi ku va ku munsi wa mbere w’iyi ndwi.

Mu gitero cabaye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Mukakaro, bikavugwa ko abantu bagera kuri 10 bo mu gihugu ca Palestine baciye bereka imikondo ijuru. Muri ivyo bitero kuri ico gihugu, vyatanguye ku munsi wa mbere w’iyi ndwi, abana bagera kuri 20 bakaba boba aribo baguye muri iyo mirwano nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, nayo abagera kuri 670 bakaba aribo bakomeretse. Izo ndwano kuva zitanguye, abanyagihugu isinzi bakaba bamaze guhunga, abandi nabo inyubakwa zabo zikaba zisigaye ari ibisaka gusa.

Kugeza n’ubu ibitero bikaba bibandanya, aho ibisasu vya roquettes vyatewe ahitwa Tel-Aviv. Nayo urudavagi rw’amasasu n’ibibombe bikaba arivyo biguma bisamirana, aho bigwa nk’imvura hafi y’ikibuga c’indege ca Ben-Gourion.


Aristide Nizigire

Messages

  • Imana ibahe uburuhukiro bwiza. Hanyuma nama nibaza iyo kimwe bita ONU kiri. Ubu iyo aba Abazungu 100 harimwo abana n’abagore biba vyacitse ngo Genocide, Crimes contre l’humanite, tec.... None abo bo bazira iki??
    2. Nama nibaza iyo aba Palestinans aba ari bo bakoze Genocide des Juifs, ubu khaba hari n’umwe asigaye?
    Mbega ngo Abayahudi ni ubwoko bw’Imana??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.