Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gen. Ibrahim Attahiru : "Igihugu kirakeneye bamwe mu ngabo ziri muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gen. Ibrahim Attahiru : "Igihugu kirakeneye bamwe mu ngabo ziri muri (...)

Gen. Ibrahim Attahiru : "Igihugu kirakeneye bamwe mu ngabo ziri muri Mali"

vendredi 19 Mukakaro 2013

Igihugu ca Nigeria, biciye ku mukuru w’igihugu ca Cote d’ivoire Alassane Ouattara mw’isozerwa ry’inama ya 43 ya Cédéao (Communauté Economique des Etats d’Afrique de l’Ouest) camenyesheje ko kigiye gukura bamwe mu ngabo zabo zigera ku gihumbi ziri muri Mali mu bikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyo kugarukana amahoro (Minusma).

Alassane Ouattara asanzwe ari nawe arongoye Cédéao muri kino kiringo yamenyesheje ku munsi w’ejo kuwa kane ko umukuru w’igihugu ca Nigeria Goodluck Jonathan yamwandikiye ikete amumenyesha ko akeneye zimwe mu ngabo zarungitswe muri Mali.

Mw’isozerwa ry’iyo nama, umukuru wa Cédéao Alassane Ouattara yaratomoye ko hariho bamwe muri izo ngabo bazogumizwa muri Mali n’aho bataramenya abazotahanwa muri Nigeria uko bangana muri abo bagera ku gihumbi.

Mu nsiguro zitangwa n’abategetsi bo mu gihugu ca Nigeria, bamenyesha ko nabo bafise ibindi bikorwa bashaka gushinga izo ngabo. General de Brigade Ibrahim Attahiru, umuvugizi w’igisirikare co muri Nigeria yamenyesheje ku nsamirizi RFI ko izo ngabo hariho ibikorwa bizikeneye muri Nigeria n’aho nawe nyene atatomoye igitigiri gikenewe uko kingana mubari muri Mali.

Kuva ukwezi kwa Rusama kugeze hagati, igisirikare ca Nigeria caratanguje ibikorwa bidasanzwe vyo kurondera abari mu murwi Boko Haram mu buseruko bushira uburaruko bwa Nigeria, bikaba rero bivugwa ko izo ngabo zoba zigira zijanwe gusahiriza iziri muri ako karere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.