Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gen. Ntaganda yajanywe mu butungane i La Haye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gen. Ntaganda yajanywe mu butungane i La Haye

Gen. Ntaganda yajanywe mu butungane i La Haye

vendredi 22 Ntwarante 2013

Gen. Bosco Ntaganda asanzwe yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara muri Congo yakuwe mu Rwanda aho yajanywe mu butungane mpuzamakungu mpanavyaha La Haye, kuri uyu wa gatanu igekerezo 22 Ntwarante 2013.

Ivyo ni ibitangazwa n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu Mushikiwabo Louise ku muhora mpuzamakungu Twitter. N’ubuserukizi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika i Kigali buremeza izo nkuru. Yakuwe mu Rwanda hubahirijwe imigenderanire iri hagati y’izo Leta zompi, iy’Urwanda n’iya Leta zunze ubumwe za Amerika, tutibagiye Leta y’Ubuhorande.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha(ICC) yemeje ko Bosco Ntaganda ari mu nzira agana mu Buholande, kandi ko urubanza rwiwe ruzotanguzwa vuba cane, gutwo atangure kuburana. Yatwawe n’imidoka y’ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika ku kibuga mpuzamakungu c’indege ca Kigali i Kanombe, aho yaciye yurizwa indege yari yamuteguriwe.

Gen. Bosco Ntaganda yari umusirikare w’umunyeshamba mu gihugu ca Congo, akaba ari we wishikanye mu buserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika ku wa mbere w’indwi iheze, inyuma y’imyaka cumi n’itanu ari mw’ishamba mu Buseruko bwa Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo.

Akurikiranwa ku vyaha vyo gushira abana bato mu gisirikare bari munsi y’imyaka 15, gufata abagore ku nguvu, ubwicanyi n’ibindi vyaha vy’ivanguramoko. Ibi vyose vyakozwe mu mwaka wa 2002 – 2003.


Keza Alexandrine

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.