IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Général Athanase KARARUZA yagandaguwe hamwe n’umugore wiwe

Général Athanase KARARUZA yagandaguwe hamwe n’umugore wiwe

lundi 25 Ndamukiza 2016, par egide

Général Athanase KARARUZA yagandaguwe n’abantu bataramenyekana mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, mu gihe yari muhira agiye ku kazi n’umupfasoni wiwe, ari kumwe kandi n’umwana wiwe w’umukobwa. Bose uko ari babiri bitavye Imana, umwana nawe akaba yakomeretse cane.

JPEG - 42.3 ko
Général Athanase KARARUZA, yari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi hamwe n’umutekano mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Igitero cahitanye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi hamwe n’umugore n’umwana cakozwe muri zone ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, amasasu menshi akaba yumvikanye, nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo.

Général Athanase KARARUZA yahoze ariwe atwara abasirikare b’Abarundi muri Centrafrique, akaba n’icegera c’uwutwara ingabo zose zarungitswe kugarukana amahoro muri ico gihugu ca Centrafrique. Kuva agarutse mu Burundi, gushika kuri uwu wa mbere agandaguwe, yari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi hamwe n’umutekano mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aho yakora bakaba bahojeje igisirikare c’Uburundi cabuze iyo ntwazangabo, hamwe n’Abarundi bose muri rusangi.

Général Athanase KARARUZA abaye intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi igira gatanu igandaguwe mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa.

Imodoka yari yunguruje General Athanase KARARUZA

IGIHE

Messages

  • Harya ngo hazagya hapfa umuhutu hanyuma hapfe umututsi? Abarundi mubaye imbwa pe, kandi murashira mureba, inkoni yumwana ishira dondi.

  • Imana imuhe iruhuko ridashira
    amacakubiri ari mugisirikare nigatari kabisa.

  • mana tabara benewacu bazira ubusa

  • Eeeeehh!!!!!!ewe ewe ewe sindumuja ewe pacifique uraduhekuye urahekuy igihugu cakwibarutse kandi umenyeko bitazokurwa neza barundi barundikazi aba bamenja bariko baduca umutwe wigihugu mukwiza inshirire zarurwanye none umwansi niyazanana inyuma yigihugu cenared kwibamaze izokwikora kuri bands??mbariza tari mordekayi magy nabandi buca mucah nimwagaruka mugihugu??muzonwerah Ko ubwoko bwose muriko mutema mutongora??ndabatey ibyatsi nivuy inyuma Pu Pu Pu Pu puuu.

  • Ntibitangaje kuko ibirikp biraba biraboneko ari: ingere kuyindi. Hapha Umuhutu hahera amasaha make Umututsi nawe akagerekwako.
    50/50. Niko bimeze.
    Adolphe vs Bikomagu
    Darius vs Emmanuel
    Ejo baciye ukuguru un Colonel DD bica umugore wiwe vs General Athanase n’umugore.
    Ingwano y’ibihori.
    Nibanyukurane hama Nkurunziza akomeze kwikinira agapira.
    Ikibazo mfise birahererahe?
    Nditeguye kuzoja kuba General mu gisoda gishasha kitarangwamwo abicanyi.

  • yemwe!turagopeeee!none ibibintu bizodushikanahe?

  • Nkurunziza yarangiza agahamagarira abahunze gutahuka ngo hari amahoro masa, ubuse ko General we bivugwa abatari general bahandagurwa banganiki?

  • Ndababaye pe, abasigaye mwihangane,

  • Nkurunziza agiye kumara abarundi pe nzaba ndeba anaherezo yaya macakubiri nkurunziza yazanye

  • turifadikanije umubabaronimiryangoyabuze.hamwenigisirikarec’uburundi.

  • Ubuyobozi burabananiye mukabura inka.Ariko mwibuka ko abanyagihugu mwica ari abanyu?Ingaruka muzazibona.Komeza ariko mwibuke ko arimwe muhomba.Mugize ubukene none mwongeyeho n’ubwicanyi?Puuuuuuu Shetani yabahumiye.

  • abasigaye nibahunge . nyamba bananiwe kwigwanako naho ahandi hoho barabaheza.

  • Ndahojeje Umuryango Wa Athanase Kararuza Ndamuwusabira Kumana Ibafashe Kwihanga

  • Imana imwakir arik
    ha ha haaa!
    ivyibujumbura nimucezo wandani Pee.

  • haaaa!?,nuruyoberane turahojej abarundi.ariko jewe nibazak ibibazo nkivyo twaridukwiye kubireka tugaharanirumutekano.Ntibibagirko urwo bica bene nyina nabo arirwo bazicwa.Imanimwakire mubwami bwayo.

  • Birababaje gusa. Sinzi ico abategetsi babivugako ariko bakwiye kuganira n’abandi barundi ibi bintu bigahagarara. Ivyo gufata aba jeunes mu ma quartiers bakicwa ntaco bimaze igikenewe nukuganira n’abandi banyapolitique ntawukumiriwe kuko biragaragarira buri wese ko ibibera mu gihugu vyabarenze mutakimenya ico gukora. Ni mureke ubusambo musangire igihugu n’abenegihugu bose mutavanguye hama murabe ko amahoro atagaruka mu Burundi. Umuryango wihangane cane.

  • Ariko ni gute abantu baza bakica umu General mu mujyi rwagati ntibafatwe i Burundi mufite indwara muzi iyariyo, ndumva hasigaye Nkurunziza kandi we azafatwa mpiri kuko nta burinzi igihugu cyanyu gifite !

  • Ariko ni gute abantu baza bakica umu General mu mujyi rwagati ntibafatwe i Burundi mufite indwara muzi iyariyo, ndumva hasigaye Nkurunziza kandi we azafatwa mpiri kuko nta burinzi igihugu cyanyu gifite !

  • Eeeeeeewe ivyu Burundi!!!!!!!!!!!!! i Burundi hahindutse muri Somalia!!!!!!Mana none uri hehe ubu kugira uze utabare uburundi na Barundi?????? ariko naho biruko abarundi bazateba bamenya ukuri

  • Eeeeeeewe ivyu Burundi!!!!!!!!!!!!! i Burundi hahindutse muri Somalia!!!!!!Mana none uri hehe ubu kugira uze utabare uburundi na Barundi?????? ariko naho biruko abarundi bazateba bamenya ukuri

  • abarundi ni mwihangane. Amoko ntacyo azabagezaho. muyate kure muharanire ikibateza imbere. mwebwe birashoboka ko wenda umuntu ujyanye izuru rirerire ku isoko bakamuha byinshi kurusha uwajyanye rigufi . niba ari uko bimeze mukomeze mumarane. ariko niba ntacyo amazuru abamariye . mufatanye mwubake igihugu

  • numva mfisubwoba mana uratabara uburundi nabarundi turarushe amaraso aseseka kubwishi mana zana ukuboko kwawe uwukora ivyo umuhana nkakumwe wahana igodonomora

  • jye ntacyo mbona umuntu uwari we wese akwiye kuganira naba bicanyi baba DD. mukamate siraha mupige Aduyi. Nkurumbi ni very stupid ntabwo atekereza nagato nibyo mubona akora arabikorana ubujuju bwinshi cyane. ubwo sinzi icyo mushaka kuganira nawe. ni murase imbwa zabahutu musubize igihugu mumutekano. otherwise murakomeza kumwizirikaho arabamara

  • NDAHOJEJE UMURYANGO WABUZE NABARUNDI BOSE.

  • " Turakangurira abarundi bose bahunze gutaha bakifatanya na bagenzi babo kubaka igihugu "
    " Turamenyesha ko ubwicanyi bukorwa buterwa n’ibindi bihugu na cane cane u Rwanda"

    Izo nizo NDIRIMBO z’abayobozi b’i Burundi. AHO GUKEMURA IBIBAZO BATEZA MU BARUNDI

  • Abatutsi mri mu gisoda mumenye mws k ata n’umw bagiy gusigaza. Izo nkoho zanyu ngira zicira amazi nta rusase ruvamwo. Ubu barabarembej babica hanyuma bazokwirara mri benewanyu. Imana idutabare bitabay uko turahona nta gisivya

  • Basoda ba batutsi mutimenye barabahonya nta gisivya. Ubu ni mwbw barembej ejo ni benewanyu ba ba civils. Muraciy ubwenge nimukore ikibrey. iyo yari clein d’oeil

  • Oh , Ntakundi Imana Ibakire Mubwami Bwayo , None Izonkozi Zibibi Ntizimaramazwa Nizonzirakarengane ! Nk’umugore N’umwana Bazize Iki ? Ariko Turiko Turibwa Ni Inda Zitwinyegejemo , Twarinjiranywe Nazanyankaburundi Zahunga Igihugu

  • Kirimwabagabo nivyo nyene kirimwo abagabo bijunja nijambo,ubu sibimwe vyi 65,72,88,93,ubu abarundi twese tuzi uko inkoho irasa,mwitonde rero,nimwe abatutsi mwabitanguye,harya inkubisi yamazirantoke iyitarukirizako,uwo numugani wabakera,tekereza tubane mumahoro,mutavyemeye naho tuzomaranira ngaho nyene mugisagara ca Bujumbura,ntagusubira mukibira .

  • Pcusa : Imana Igukomeze We Uvugakope ! Imana Imbakire Mubwami Bwayo Natwe Abarundi Tuhacire Akenge Kuko Biragaragara Ko Abobica Abagore N’Abana Atamahoro Tubitezeko Nkuko Bahunze Igihugu Duhaguruke Tubarwanye Twivuye Inyuma Kuko Ntakindi Kibagenza Atari Ubwicanyi

  • SNARED IRAMALISHIJE ABARUNDI !!! KANDI KOKO ABARUNDI BACUMBIKIRA ABAZA GUTERA AMAGERENADE , NTIBABONA KO ABANTU BOSE ZIHITANA NABARASWA ALI INZIRAKARENGANE !!! NONE AYA MARASO AZOBAZWA NDE !! BARUNDI BARUNDI KAZI NTIMWIHENDE GOSE UBURUNDI NI 50 HUTU NA 50 TUTSI AGATSIKO KABA MECONTENT BABATUTSI NABAHUTU NTIGATUME MUSENYURA UBURUNDI , BATUTSI , MUMENYE KO ABAHUTU BAKOMEYE UBU NTIBABAHENDE SI NKA KERA 72 MUTAMALISHA ABARUNDI BABAVANDIMWE , KERA ABASILIKALI BALI ABATUTSI BICAGA ABAHUTU NABAHUTU BAKICA ABATUTSI NTANIMBUNDA BAFISE !! BAKAZA MICOMBERO UKO BUYOYA YICIRA NDADAYE MUKIGO CINTWAZANGABO !! NONE UBU MURABONA BYOSHOBOKA >>>>>>> ??????? ABABASHUKA KWICANA BARABAHENDA , MWUBAKE UBURUNDI ABO BA Radjab Minani na Nyangoma nabandi bose basha kuyoborera abarundi MUMARASO BARABAHENDA . MUFATANE MUNDA ABAHUTU NABATUTSI MWESE MWUBAKE UBURUNDI

  • nimutwiyerekere ama filme basha mwarimwarabuze aho mutwerekera ivyo mwakuye mwishamba. ntabokora nkivyo barabaye imusozi. abo basirikare bobo bagandagugwa umengo nabo barabaye nkayamisore yajamumyiyerekano . nimuve mugacerere muhunge canke mwikure umwansi. ntimuzobura kwikura umwansi ngomubure guhunga hama ngomubure nogupfa. tora kimwe.

  • IMANA IMWAKIRI NIMBA YARAYIKOREY ATAYIKOREY NAHO NIYIMENYA AHANDIMUSHIRA!

  • Hahirwa uwo ubweng bwiw amaboko yiw amaguru amaso namaboko vyiwe impemu nubushoboz abishira kumana mana hezagira abicwa ubabarire abicwa amen

  • ubu abahutu nabatutsi bose barazi kugema, uzokwihenda ngonibimwe vyakera ntazambaze!!!. nisekurungurane. gusa birababaje kuko hahomba impande zose canecane uburundi..ivyo nivyo CNARED yifuza kuko niyo ivyungungiramwo, nicogituma impande zose ndukwiyi kuirwanya ninayo iduteje izi ngorana turimwo...CNARED ituma abantu kwica bariya hama nabo bagashavura bakihora...

  • Imana Niyo Ifise Ijambo Ryanyuma Kuburundi Kuk Ntamwana Wumuntu Yohagarika Ibi Bintu. Ahubw Dusengere Uburundi.

  • Abasikare ko bapfa nka basivile. Bize igisirikare?

  • birababaje kubona izontwazangabo bazimariye kubuhomba none niryari tuzomenya igituma?ukuri kwarigukwiye kuja ahabona kugira ngo bihagarare

  • reka basha gutanako imyikomo kuko ibi turiko turabona bifise umuzi mumyaka yaheze kandi bigaterwa kandi n’inda ndende. muti bizohera vuba?ahibambewe! kubera?jew nabuze data bamwishe 72 canke 93 ubu ndakuze kandi uwishe data barambwira ko ari abatutsi canke abahutu nkumva ko data bamwishe urupfu rwagashinyaguro nne ubu nanje ndafise ico nshobora kwihoza nne nobona babahutu canke babatutsi aribo bashaka kunkura kuriki nakiriya nkagenda ntabarashe canke ntatanze itegeko ryo kubica?????nkoranya urupfu rwa data nukuntu bandondera nkaca numva ntegerezwa kwihora!! Raba umwana wa adolphe canke uwa Darious eka na Kararuza bava muhira bababwiye bati "turasubira" bataha bagasanga ibiziga bamwe ati nuyu canke nuriya yamwishe so!! none koko uyo mutima wikigongwe azowukurahe????igikenewe rero niki??? reka gukwega ingwe ngo nuko ariyo yariye ibikoko vyinshi iciba umwami w’ishamba!!! rondera umuntu afise umutima wikigongwe kandi adashaka amaronko abe ariwe ayobora uburundi, reka guhendwa ngo umwansi wawe nurya canke nuriya ahubwo raba inyungu abizigamwo mugihe mwocanamwo!!Ndabasavye mureke kwica umuntu mutamuerya!!!nimwame mwibuka ko ico murico

  • reka basha gutanako imyikomo kuko ibi turiko turabona bifise umuzi mumyaka yaheze kandi bigaterwa kandi n’inda ndende. muti bizohera vuba?ahibambewe! kubera?jew nabuze data bamwishe 72 canke 93 ubu ndakuze kandi uwishe data barambwira ko ari abatutsi canke abahutu nkumva ko data bamwishe urupfu rwagashinyaguro nne ubu nanje ndafise ico nshobora kwihoza nne nobona babahutu canke babatutsi aribo bashaka kunkura kuriki nakiriya nkagenda ntabarashe canke ntatanze itegeko ryo kubica?????nkoranya urupfu rwa data nukuntu bandondera nkaca numva ntegerezwa kwihora!! Raba umwana wa adolphe canke uwa Darious eka na Kararuza bava muhira bababwiye bati "turasubira" bataha bagasanga ibiziga bamwe ati nuyu canke nuriya yamwishe so!! none koko uyo mutima wikigongwe azowukurahe????igikenewe rero niki??? reka gukwega ingwe ngo nuko ariyo yariye ibikoko vyinshi iciba umwami w’ishamba!!! rondera umuntu afise umutima wikigongwe kandi adashaka amaronko abe ariwe ayobora uburundi, reka guhendwa ngo umwansi wawe nurya canke nuriya ahubwo raba inyungu abizigamwo mugihe mwocanamwo!!Ndabasavye mureke kwica umuntu mutamuerya!!!nimwame mwibuka ko ico murico

  • BIRABABAJE KUMVA ABASIRIKARE BAGANDAGUGWA ATACAMIRA NIMUHEBE IYONGENDOMBI MUKURIKIRE INZIRAYAMAHORO KWICA SI UMUTI

  • turataka turatakamba uwo mugabo abera intambamyi igihugu nkuko .ko amakungu yobirab non umuntumwe atume duhera nkifuyimijira?

  • kuvyonarimpejeje kwandikamukanya gaheze hiyongereyeko amakuru yokwizigirwa avuye kubegereye ubuyobozi mbwa CNARED, amenyeshako CNARED ariyo ihejeje kugandagura iyontwazangabo yuburundi baka bajijije kuba yaranse kubashigikira mumigambi yobo igayitse yokuguma bahungabanya umutekano mugihugu..turahovye...

  • ubu EJO HAZAGANDAGURWA UMUHUTU.

  • @ Kamaro nuhende abantu, iyo Nkurunziza atazana inda ndende yikiringo kya 3 adafisiye uburenganzira ubu uburundi buba bufise amahoro, CNARED yaje kubera Inda ndende ya Nkurunziza

  • AHUBWO NIBANYARUTSE AMATOHOZA NTAKUNTU TWOKWAMA TWUMVANGO UMUNTU.ARAPFUYE BIGAHERERA IYO.ATARUKO BATUBWIRE KO INTAMBARA YATANGUYE. NONE IYO ABATEGETSI BAHERA NTIBAZOCA BAJA MUBANYAGIHUGU AHUBWO NIBANYARUTSE AMATOHOZA NTAKUNTU TWOKWAMA TWUMVANGO UMUNTU.ARAPFUYE BIGAHERERA IYO.ATARUKO BATUBWIRE KO INTAMBARA YATANGUYE. NONE IYO ABATEGETSI BAHERA NTIBAZOCA BAJA MUBANYAGIHUGU BATOBATO?

  • Biranyase birenze!
    Muvyukuri ndabuze icomfata nicondeka burya jewe ndimubahunze kubwokwanka ikiringo cagatatu ca Nkurunziza, kandi jewe ndakunda gukurikirana amanama yabarundi bahunze akunze kubera mubihugu bitandukanye canecane ayabera mugihugu cu Rwanda ubonako arinaho habera amanama meshi.
    Jewe rero urupfu rwuyu mu Gen. Atganase runyengereye umubabaro kuko mumanama twabatujamwo ivyo Yohani Minani yakunze kuvugiramwo ndabibonyemwo isano nururupfu rwa Mon Athanase. Minani yaritoye ngo" murareba ivyotwumvakera Nyangoma agifise umuhari wabarwanyi ntivyongere kugaruka mwururugamba twatanguye, uwitwa Anicet ngote Docteur Minani? Maze Minani aravugati : ngomuvyukuri abarikumwe na Nyangoma mwishamba bemezako atashaka kobokorera imirwano ahitwa muntara avukamwo ya Bururi ngonone ubunaho murabona igitigiri cabasirikare babahutu tumaze kwica ngokandi ntimwirengagizeko abasirikare bahagaze kuri Nkurunziza sabahutu gusa nabatutsi bamuhagazeko nonebobo ntitwobashira mubodukwiye guhasha? Acaravuga ngo jewe sishaka koturwa mumutego wabatubanjirije. Alexis Sinduhije nawe ngondashigikiye ivyo Docteur Minani avuze ngwahohantu turakwiye kuhakorerako ngondazi ibisirikare vyibitutsi twoherako, igitumye navuzeko mbabaye nuko iryozina ryuwo musirikare Athanase yishwe ariwe Alexis yatanzeko akarorero mukuvugango: nkabiriya ngonivya General Athanase ngonakakibwiye kotwojahamwe kirandahira ngombere ngira nicogituma ivyanje vyamenyekanye ngonibazako ivyonamubwiravyose yabivuze. Busokosa yaciyevuga ngo Minani ngo rema ngorema mumisi ico uvuze tugiye kugishira mungiro abaringaho bose tucadukoma amashi.

  • Imana imwakire mubwamibyiwe amen

  • TWIFADIKANIJE NUMURYANGO WABUZE,ARIKO MUGISILIKARE HARAGWAYE .UBWO SIKWAGUSUBIRANAMWO BAKAVUZE

  • Umunt wes yinjiye muri système DD atayizi impembo yiw n’urupfu,urupfu rwa KARARUZA ruhe icigwa ibipfamatwi.

  • abarundi tuzokwicana kugeza ryari?

  • Birababaje! Abarundi tuzokwicana kugeza ryari?

  • Abarundi mwisubireho musengimana ibakize ibibyago bibugarije nkatwe abanyekongo

  • Abarundi mwisubireho musengimana ibakize ibibyago bibugarije nkatwe abanyekongo

  • Ivyo vyose biroko biraba ubu ni nkurunziza yabushatse na cagifyamutima nyabenda rero nibawote mpaka ubaturire amavya kuko Kananira abagabo ntiyimye

  • Birababaj bas kubon uryang bawuhonerez rimw nukubasabir kuman ibakir kand nugusabir uburundi na barundi ngo bavavanur ninges yubwicanyi

  • Ba mutohoza Mureke urunwarunwa. Kararuza yarashikanye umwana St Esprit

  • Kanyana viola uvuz ukuri eeeeeehhh!!!!bandanya udukurikiranira cnared yiyemej kutugira impfubyi ewe Nyangoma ewe Busokoza ewe Buyoya ewe pacifique akagahinda muduteye twebwe ababyeyi ntimuze muronke nuwubahembuza igikombe camazi wamukecuru Maggy wamusataniste waronse amaraso ushira ibirozi byawe ntampera yumurozi mpojej umuryango n’uburundi imana imwakire cnared ntaco uzoshikako nakimwe.

  • BARUNDI VE HASI TWIRWANEKO BITARIVYO NKURUMBI ARATUMARA,REKA GUHENDWA NABO BAKAMAROKABI

  • Athanase Ivyiwe Birarangiye Imana Imwakire Ark Uwusigaranye Amaganya Meshi Ni Kazugu Nabandi?Wewe Biraheze?

  • Eeeh Bury Presidence Nay Irashikiriw!Ngwah Pita.Lion Story Ikubwir Ngo Bisa Intar Ifat Imbug Kand Ugifis Akary Ko Guhung Uter Igere Rek Babanz Bakumarik Ab Wishimak Ham Naw Upfan Intunt Munyum Niwewe

  • Kagete,ndamaze,kubona,ko,watahuyevyuburundi,cane,,ubanda,nyufasha,canke,ndagufashe,wewe,wiyise,kanyana,nkamwimanitohera,kuriwe,guhana,kububeshi,,,bwamwe,na,ivyusiguye,ahubo,bakurondere,uvugukuntu,warashe,uka,gomba,kuzimaganyama,tohoza,amarasonimabi,wiserure,nisahidaheze,nowobayamabijamwa,yogira,catinya,,nankurunziza,hageze,yarakenyumut,nasheta,ne,yaramusute,ubuaramutwenga,,muhutunkanje,nuvugemake,unahenbanamake,haaaaaa.???,

  • Nono Muburundi Ntabutungane buhari?Kotwumva ngo batanguye Amatohoza Kuntwazanga bo Ibayishwe Ayomatohoza Ataco Ashikako Amaze Iki?? Mana Dutabare Turagowe Nkurunziza Nagire Ico Akoze.

  • Imana ibafashe kandi umuryango wiwe ukomeze kwihangana muribi bihe bitoroshe.

  • Ariko Mana Tugume Dupfa Ababigra Badafatwa? Turengukeko.Ngo Amatohoza?Aho Biciye Izo Ntwanzangabo Aravamwo Iki?Turagabe Bifise Ababishingiye Impigi.Ici Ni Uko Muri Abo Bose Atawuzokwanikwa,nabo Bazopfa Nabi.Murafyina Ku Mana Ikinumira Mukibaza Ngo Ntibibona.Mana Turashaka Ko Abo Bicanyi Bofatwa.Mana Turabigusavye!!!

  • Ariko Mana Tugume Dupfa Ababigra Badafatwa? Turengukeko.Ngo Amatohoza?Aho Biciye Izo Ntwanzangabo Aravamwo Iki?Turagabe Bifise Ababishingiye Impigi.Ici Ni Uko Muri Abo Bose Atawuzokwanikwa,nabo Bazopfa Nabi.Murafyina Ku Mana Ikinumira Mukibaza Ngo Ntibibona.Mana Turashaka Ko Abo Bicanyi Bofatwa.Mana Turabigusavye!!!

  • Ariko Mana Tugume Dupfa Ababigra Badafatwa? Turengukeko.Ngo Amatohoza?Aho Biciye Izo Ntwanzangabo Aravamwo Iki?Turagabe Bifise Ababishingiye Impigi.Ici Ni Uko Muri Abo Bose Atawuzokwanikwa,nabo Bazopfa Nabi.Murafyina Ku Mana Ikinumira Mukibaza Ngo Ntibibona.Mana Turashaka Ko Abo Bicanyi Bofatwa.Mana Turabigusavye!!!

  • Ubwobugi Bwanabi Bwiharaje Gupfakaza Uburundi Ntibwosamburwa? Konzi Muburundi Twari Magabo. Ntakundi Ndahojeje Uburundi Nabarundi Naben Ababuze Twihorere Kuko Umwasi Agucira Akobo Imana Ikagucira Akanzu.

  • EREGAMUZOKANGUKATWAHONYEAMAKUNGUYOKWAAVUGAIVYOADASHICANONEAGUMAREREKAGUSAAHOHONIBIHORERENABONYENENTACOBARIKORADUFASHARUNGIKABABASIRIKAREMPUZAMAKUNGUAMERIKANIDUKUREKOIYITWAROYASEDEDEKADAFINAWENYENEYARAFUYENONEUWOWEBAMUTIYIRAIKINONEKOBATARWANYENGOBANESHEBAKORAUBWICANYIKUBERIKI?

  • Harakwiye Kuba Ibiganiro Bidakumira Kugirango Ubwicanyi Butagira Izina Buhagarare

  • Mana Garukira Uburundi Ntawundi Twizigiye Yodukiza Atariwewe. Tabara Kuko Atakuganza Kutava Kuriwowe.

  • Jewe Ndababajwe N,urupfu Rwa Athanase Kararuza Nukuri Nihakorwe Amatohoza Abakoze Iryo Shano Bahanwe Ubwo Bwicanyi Bwohagarare Bwohagarara Guko Ntamututsi Ntamuhutu Twese Dukomoka Kuyo Mwijuru

  • amakuru yokwizerwa avuye kubegereye ubuyobozi bwurunani CNARED giriteka aremezako CNARED ariyo ihejeje kugandagura intwazangabo generar KARARUZA imujijije kuba yaranse kubashigikira mumigambi yabo igaitse yokuguma bahungabanya umutekano mugihugu. ivyo bikaba bigaragazako CNARED yiyemeje gushikira ubutegetsi ibanje gusesa amaraso yabarundi nomugucanishamwo inzego zumutekano, kuko ninayo ivyungukiramwo. rore barundi twese abahutu abatutsi abatwa nimuze tuvirehasi rimwe tuirwanye!!!..ataruko izodukwegera akarambaraye nukuri kwaMungu....

  • NICKEL ya MUSONGATI abazungu bifuza mu BURUNDI izatuma hapfa abantu benshi, kuko ibibera mu BURUNDI birimo politiki geopolitique yo gufata akarere k’ibiyaga bigari, birimo u RWANDA, CONGO EST n´u BURUNDI . Le monde occidental cyane USA na UNION EUROPEENNE bashaka cyane u BURUNDI bakoresheje maipulation de la conscience ya POLITIKI YA GENOCIDE.
    NKURUNZIZA kuba ashyigikiwe n’UBURUSIYA hamwe n’UBUSHINWA, TANZANIA NA AFRIKA Y’EPFO n’ikibazo gikomereye USA na UNION EUROPEENE kukou u BURAYI NA USA bamaze kubona yuko UBURUSIYA muri SIRIYA yuko buhambaye mu byagisirikare... mutegereze muzarebe ibizakurikira
    IMANA niyakire GENERAL KARARUZA Athanase hamwe n’umuryango we...
    Kuba abazungu badasenye BOKO HARAM yica abanyafrika benshi nuko bayigurisha intwaro kandi bifuza gusenya NIGERIA, Ibibera mu BURUNDI na none harimo ABARUNDI B’IBIKORESHO BY’ABAZUNGU ariko bazatsindwa.. ABARUNDI nibagira UBUMWE bakirinda kugwa mu mutego wa GENOCIDE abazungu bifuza , KANDI POLITIKI YA KAGAME ni genocide atayifite ntaco yavuga

  • Igihe Yesu azogaruka azobaz umw wes ico yakoz ham agihemberwe!Ni mubure kwitez imber ahasigay ngo mushkire ubutegtsi,abazung barabahenz kk babazaniy imfashany namw muc murarendegra!bagabo "nta kuganza kutava ku Mana",Guma muvuma ic’Imana itavumye muzohumirwa N’ukuri!Heba ayo mosha mabi svp!!!

  • Haaaaaaaa!Igirikare Hari Ideni Gihenye Kombona Nabo Bageramiwe

  • Nimuvuge K Ari Guhonya Rural!!!Kwica Nkuk Mwa Ba Dd Mw!Inyishu Niyimana!

  • Aliko ubundi aba ba generali bize igisilikali hehe balimo kwicwa nkinko ??? bakabicana nababalinda ???

  • turiyamirije izonkozi zibibi uburundi nubwacu tungobatubwisaburire aritwetwobwubatse ntitumere nkisomari murakoze iconicociyuviro canje ntaze?Merci

  • turiyamirije izonkozi zibibi uburundi nubwacu tungobatubwisaburire aritwetwobwubatse ntitumere nkisomari murakoze iconicociyuviro canje ntaze?Merci

  • none ivyuburundi bizhererahe ?ko bavuga ngo umutekano urakwiye ariko abapfa bakagma bpfa

  • Turahojej Uburund Nabarund,ntibagiye Umuryankowabuz. Abakorivyo Bibukek Imanzazizocibw. Nibarabe Bamwebatwar Oni Bipfuzakurungika Intekomvamakung,muburund,ukamengo Niwomuti.Ahubwo Trasavye Badufatire Abagomvye Gutembagazinzego Twitorey Kuko Nibobariko Barabikora.

  • Ivyo birashimishije nakare ngo uwicaye ntamenya umusutamye kababara muncamake uti? wewe yarazi aboyica ko babara kandi nibo nyene basubiranyemwo

  • NDAHOJEJE CANE URYANGO WA BUZE UMUGABO WIJAMBO

  • NDAHOJEJE CANE URYANGO WA BUZE UMUGABO WIJAMBO

  • Non igihugu cacu ntimworaba ukuntu,izonkozizibibi mwozituza.ergatwbw abanyagihugu,turafis ubwoba ,non ntakundi turahojj umuryango wabuz .

  • IVYO VYABAY NDAS NDAHOJEJ ABARUND BOS

  • Karaciy ingani uwudashigikiye iterabwoba wese naho aba umututsi ko bacs bamwica?

  • Karaciy ingani uwudashigikiye iterabwoba wese naho aba umututsi ko bacs bamwica?

  • Karaciy ingani uwudashigikiye iterabwoba wese naho aba umututsi ko bacs bamwica?

  • Karaciy ingani uwudashigikiye iterabwoba wese naho aba umututsi ko bacs bamwica?

  • Karaciy ingani uwudashigikiye iterabwoba wese naho aba umututsi ko bacs bamwica?

  • @ Kamaro, ubwo ushatse kuvuga ko cnared ariyo ibitse ibinda zikomeye zakoreshejwe mukurasa General Athanase? Niba ariko bimeze Nkurunziza ntabwo yakabaye akiri kubutegetsi, urimwo urahenda abaswa, imbunda zakoreshejwe zicungwa na l’etat, ntuzongere kujijisha abantu

  • Imana Ibakire Mubwami Bwayo Turahojej Umuryango Wabuze

  • umutima winkozi zikibi ubundira kuvisha amaraso.Imana yanka urunuka uwuvirha amaraso

  • NUMUMUBABARO KUGIHUGU KIGUMA GIHOMBA ABAGABO BIJUNJA NIJAMBO

  • Yamucezeyandanimwatuba,riraniyonye,nimusangi,ntangyayumwe,ahandiho,bazobamara,nukomudu,kwegera,tutabatumye,

  • IVYOBINTU NUKUBIRABANEZA BIRATEYAGAHINDA

  • Turahojeje Umuryango wabuze, kandi turasavye reta namakungu bakore ibishoboka vyose abagomvye gutembagaza ubutegetsi bafatwe bacirigwe urubanza kuko vyose nibo bariko barabigira. kuko bashatse twebwe abanyagihugu tumarane imana irakinga, ubunaho bariko arica umwumwe mubari munzego kugira bacike intege novuga nti: nibareme kuko ntakiba imana itakizi.

  • Niyigire amahoro mon ngeneral turaziko bamujijije ko yanse kuja mubagomvye gutembagaza ubutegetsi ariko barahumba nabo burakeye bazomesurwa omo zokubamesa ndazi ziruzuye

  • Mbe aba basoda bazohumuka ryari?waranse kugwanira igihugu ngo urashaka amahoro wirire utwawe none natwo ntuturiye aho wosanga waragunye umu dd kuduhera wavaniye centrafrique bakabura ayo bakwishura asha abasigaye Imana ibarinde nawe uwagiye yamaze ugwiwe

  • Reta Ivuga Muri Rusangi Umutekano Wifashe Neza None Dusigaqanye Abagenerari Bangahe Ko Baheze

  • TWARAYEDUHONYYE UMUSHINGANTAHE AMARIRA MUBURUNDIBWOSE

  • IBIMENYETSO KO GENERAL KARARUZA YISHWE N’UBUTEGETSI.

    Ntibikiri agasesesheshwarumuri, uwo musirikare w’ipete rya général yishwe n’ubutegetsi bwa nkurunziza.

    1. Cdt wa camp muzinda, niwe yasupervisa ico gikorwa kuko wa mushoferi yacika kw’icumu yamaze kuvuga ko yamwiboneye ariko arabarasa ari imbere ya Lycée du Saint Esprit, aranaza kuraba ko bapfuye, aca atanga itegeko ry’uko bagenda. Kubera umutekano wiwe, baciye bamuhungisha ntakiri muri Hopital Militaire de Kamenge.

    2. Umwicanyi Désiré Uwamahoro, yari yaduze muri Gihosha Rural gushika kw’ibarabara rica musi yo kwa ntiba, aho amanutse gatoyi yaciye ahitana bamwe mu bari bahejeje gukora iryo bara.

    3. Ibarabara rya 28/11, iriduga kuri Saint Esprit, n’ayandi yegereye aho uwo muhisi yaba, yose yari acunnzwe n’abasirikare b’igihugu.

    4. Imodoka yazanye abicanyi, yari double cabine yo muri API irazwi kuko yarafashwe amafoto, nkuko ubu bigigwa aho ziciye hose, yazananye 28/11 yiruka cane, biboneka ko yahagurutse hari uwuyibwiye ko agira asohoke avuye iwe.

    5. Bus ya Otraco izana abanyeshure bo kuri Saint Esprit, abajejwe umutekano bayisubije inyuma igeze kuri Ecole Internationale imbere ya saa moya, vyerekana neza ko inzego z’umutekano zari zizi ikiza kuba.

    6. Réaction rapide ya nkurunziza n’abakozi bo muri présidence birekana ko ibintu vyari bizwi.
    Kandi kubona abakoze iryo bara bigira ata nkomanzi mu miduga ya Documentation, kandi bari gufatwa uravye aho ibara ryagwiriye, n’abajejwe umutekano bari mu micungararo.

    7. Ata n’akanya gaheze, willy nyamitwe yaciye akwiragiza cv yiwe, amafoto bari kumwe na nkurunziza, yongera yandika ibinyoma kuri tweeter yiwe, nkuko ariwe nyene yakwiragije ko karera umukuru w’imbonerakure ahejeje kuraswa, kugira ngo azimagize abantu.

    8. Bijanye n’ibikorwa vyari vyateguwe n’umugambwe cnddfdd muri izi ndwi zibiri. Kugandagura abo babona batagishigikiye 3ème mandat ariko bakaba bakiriko barayiprofita.

    9. Kubona BSPI, API, BAE, Camp Muzinda, Camp Muha, bose bari muri uwo mugambi, vyerekana ko imirwi yose nkurunziza akoresha mu kugandagura abo yiketse ko batakimuyoboka yari yakoraniye ico gikorwa vyerekana ko ariwe yari yateguye uyo mugambi.

    10. Ingene bariko barategura ibirori vyo kumufuba aho bamwe bamwe babona ko yoshingurwa iruhande ya Darius, abandi bakavyamirira kure, birerekana ko harico ubutegetsi bwiyotsa.

    Iyi ndwi turimwo twiteze vyinshi, kuko intagondwa zo muri cnddfdd ntizishaka ibiganiro, bibaye naho bigateba, kandi zigashaka gukoza imbugita mu gisebe c’ababuze ababo mu 1972.
    Uwukiri kuri iyi si azobona vyinshi, kandi général kararuza ntazijana, ninavyo bene kumugandagura bashaka.

    Imana ikingire uburundi n’abarundi.

  • Turababaye cane ariko tuzihangana twebwe ntakundi dusaba yuko ubwicanyi bwohera

  • Iryo Niterabwoba Igihugu Kiratekanye Ntantambara Izogaruka Mugihugu C’UBURUNDI Ariko Injavyi Zamaho Umutama Wacu Agume Kwivyora Ntatinye Turinyuma Yiwe !!

  • Birababaje Ntakundi Nuko Twedusigay Twokwihana

  • Iman Nimwakiran Itek Mubwam Bway. Arik Hafatw Inging Ruhash Uburund Burek Kubur Imtwar Nkiz

  • turahovy itwari kurugamba yari umugabo wijunza nijambo.nabanyagihugu turahomvye

  • Ndabaramukij Nonger Mponz Umuryang Wabuz.Non Kombon Igihug Kigez Ahatemb Bizoherer He?Abarund Turakwiy Kwikebuk Tukabon Kotur Ben Mugabumw.Kand Gusesa Amaras Atariw Mut Wibibaz Bihanz Igihug.Murakoz.

  • jewe aho ngeze ubu ndiko ndaraba canke numva ibiriko biraba mu burundi, ntaco natrinkivuga. abahutu, bavuga ngo abatutsi barabanize.ubu bahaye umuhutu wabo ngo natware, nibarabe aho umuhutu mwene wabo abagejeje.barabe aho igihugu kigeze, hanyuma ntibazosubire kuvuga ngo umututsi niwe yabagize uko bari.nibamenye yuko kubana nmeza tutiyumviriyer ico umuntu ari, twiyumvire iterambere numutekano kuri boseubutungane kuri bose hanyuma bikuremwo ubuhutu canke ubututsi tumenye yuko twarwmwe nimana nzima mwishusho ryayo

  • Nigihe gito byose bikaba amateka

  • UBURUNDI BWIKEBUKE KUKO BWANYOMOJE.

  • UBUBWICANYI BWOHAGARARA KUKO BIRATEYE UBWOBA CANE KANDI KUBAGIRIVYO BITEGE UKUZOCIRIGWA URUBANZA RUDASANZWE GWIMANA KUKO NAHO BOMENYEKANA CANKE NTIBAMENYEKANE HARIHO UWUTAZOBABURA IGIHE KIGEZE UYO NAWE NUWAREMYE IJURU NISI. KOKO VYENIVYO NAHOWOBIKORA NTIBIHERA . BACICA .NYAKWIGENDERA NSHIMIRIMANA ADOROF WAMENGA UMUTI URABONETZE?( GEZAHO)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.