IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Général Cyrille NDAYIRUKIYE yabandanije kuburana atagira uwumwunganira

Général Cyrille NDAYIRUKIYE yabandanije kuburana atagira uwumwunganira

lundi 11 Ndamukiza 2016, par egide

Abanyororo 28 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA basubiriye kurenguka imbere ya Sentare ntahinyuzwa i Gitega kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2016. Ribaye irigira kabiri barengutse kuva baciriwe imanza. Umurwi wa mbere wahamagawe kuburana warimwo General Cyrille Ndayirukiye, General Zenon Ndabaneze, General Hermenegilde Nimenya, hamwe na General Juvenal Niyondiko batazira Kiroho.

Muri uwo murwi w’abahamagawe, babiri mu bumvirijwe kuri uwu wa mbere, ni General Cyrille Ndayirukiye, hamwe na na General Zenon Ndabaneze, ariko bakaba bitavye batagira ababunganira mu mategeko.

Mu nsiguro yatanze, General Cyrille Ndayirukiye yavuze ko yabuze uwumwunganira kuko uwo yituye wese yamwankiye mu gutinya ko yohava nawe ashirwa mu murwi w’abashatse guhirika ubutegetsi, nk’uko vyashikiye abamwunganiye ubwa mbere.

Aho tukabibutsa ko abashingwamanza bari bemeye kumwunganira ubwa mbere, birukanywe mu rubanza inyuma yo gusiba mu ntahe y’icese.

N’aho yavuze ko atagira abamufasha kuburana, Sentare yahisemwo kubandanya kuburanisha urubanza rwiwe, sentare imubwira ko yahawe umwanya ukwiye w’ukurondera abashingwamanza. Na General Zenon Ndabaneze atari yazanye umushingwamanza, nawe nyene yasabwe kubandanya kwiburanira, nawe nyene akaba yabwiwe ko yahawe umwanya ukwiye w’ukurondera abamufasha kuburana.

Urwo rubanza rukaba rwaburanishirijwe mw’ido n’ido, umushikirizamanza akaba yasiguye ko atashimishijwe n’urubanza rwa mbere, kandi ko sentare itigeze yerekana isano riri hagati yo gushaka gutembagaza ubutegetsi hamwe n’imigumuko yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015.

Mu rubanza rwa mbere, abanyororo bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere wari ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abaporisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye, Juvenal Niyungeko batazira Kiroho, Zenon Ndabaneze na Hermenegilde Nimenya, bose baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Umurwi wa kabiri wari ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel, Capitaine na Major baciriwe gupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.

Umurwi wa gatatu ugizwe n’abasirikare n’abaporisi bato bato, bamwe bari abagendesha imiduga abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa General. Abo baciriwe gupfungwa imyaka 5.

Umurwi wa nyuma ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo General Prime Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano, hamwe na Colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Colonel Hagabimana Richard.


IGIHE

Messages

  • ariko uwoburanira abicanyi yobande?yobanawe arumwicanyi.

  • MANA umbabari iyombonye izomburakimazi zagovye guta igihugu mumanga ndaseseeeemwe kugezanaho, igihe bafatwa barikutwereka ibiziga vyabo bikitwako baguye kurugamba...reta nihindure amategeko kugirango baje kuburana babanze babakubite inkoni nka20 nivyo erega baza kuburana bafise akanyaro......

  • Nibarekekumurenganya Yatabaye Abarundi Nkurunziza Nawentawamwatse Ubutegetsi Yabayenkayambwa Yarifise Inyamamukanwa Igezekuruzi Ibona Igitutumumazi Yibaza Ko Ar’izindinyama Umutima Uranka Yasamyengoyongereze Nizoyarifisezaguyemuruzi < Mukamawanjeyabayd Nkikibwa ! ! >

  • jewembona abashaka ubutegetsi kunguvu bokwirekera kukontacobazoshikako kandi imana ntizovyemera babibandanije bazohura nayo nibamenye yuko ubutegetsibutangwa nimana ibicishije muribenegihugu bibukeko amase yakera atagihoma urutaro barundi tujekumavi dusenge gusa imana ikore

  • Emwe Mbe Abategetsi,muzopfamuzira Ubusa!Arikonubu Muracari Muvyaporitik!Muraza Mubiheba!Abakora Ikibi Sabomugombamupfunge Bobo Nko Wosanga Bahorwa Ubsa.Arikontavyishimvu Gusa;abantumujejw Ivyaporitique Muragowepe!.

  • Emwe Mbe Abategetsi,muzopfamuzira Ubusa!Arikonubu Muracari Muvyaporitik!Muraza Mubiheba!Abakora Ikibi Sabomugombamupfunge Bobo Nko Wosanga Bahorwa Ubsa.Arikontavyishimvu Gusa;abantumujejw Ivyaporitique Muragowepe!.

  • Nibemere Batote Kuko mission yabo iyo Igenda Neza nabo bari gutotesha abatabafashije gutembagaza.Politique Nimbi kweli!!!

  • Abobanyacubahiro nimubarekure bitahire kuko ntabandi barundi bumutima bakunda igihugu bakongera bakacigura muzopfa murose nkabo ivyo bakoze ntabwo arikudeta namba bagarukiye amategeko namabwirizwa agenga igihugu ahubwo abakwiye guhanwa ninkurunziza nakarwi kamushigikiye kuko aribo bahonyanze ayo mategeko bigatuma haduka indyane mubose rimwe kuko mwanka mwemera gushika ubu uburundi ntamukuru wigihugu bufise urumva batari kugira ikudeta umukuru wigihugu atawuhari kuva aho akubitiye kudeta amasezerano yarusha nibwirizwa Shingiro wenyene ubwiwe yaramaze kwikura unomusi umupucisite Ni nkurunziza ariko Sabo bahagarariye amategeko yigihugu nkuko nyakubahwa cililo yabivuze iyobiza gukunda nuyumusi igihugu kiba gitekanye ngirango mwarabonye ingene muririrya joro ingene igisagara caraye gitekanye abanyagihugu baratamba baratarika amaradiyo yariyugawe arasamirana nyenicubahiro niyombare ararivumera asaba abarundi gufatana munda nogutekana mugabo raba uwomumenja nkurumbi ingene yirirwa ahamagarira abantu mubwicanyi gutoteza uburenganzira bwakiremwa muntu mugupfungira abantu ubusa kubaboreza igufa tutibagiye gufata abakenyezi nabana kunguvu ikitibagiye nuguhamagarira imbonerakure mumigumuko yaburigihe batuka umukuru wigihugu c’urwanda p kagame nkaho umengo niwe yabatumye guhonyanga amategeko nokwica abobari bajejwe gukingira nimumbwire namwe none umuntu yitwa Ngo niperezida yubahuka gukora ibintu nkivyo atoba Ari amategeko yahonyanze ivyogusa mwumva bitakwiriye ngwabogozwe nkanaswe wongeyeko kuba ariguhonyanga amategeko igihugu kigenderako urumvako abaguma bitwaza ivyamakudeta bashaka bobikura mukanwa bakarondera iyindi turufu bokoresha kuko iyo ntaco izobamarira iconzico nuko abarundi tutazoruhuka nkurunziza adasubije ivyoyivye mbere nkaba shimiye izontwari ukuntu zikomeje kwitwara murugorubanza mukwirekanako urugamba batanguje rwoguhagararira amasezerano yarusha nibwirizwa Shingiro nubu v
    Bataraterera hasi nibakomere kumuheto turi inyuma yabo iconosaba ubutungane bwuburundi nuko bwokwihesha agaciro bukarekura izontwari zikindevya kuko ntihama arikuwambere ahubukera bazomaramara babonye izontwari zidegevya kandi zifise iteka mugihugu ndasaba abashinzwe gutambutsa ivyiyumviro vyabanyagihugu kururu rubuga kureka iciyumviro canje Ngo gitambuke kuko haraho ntanga iciyumviro nkasanga nticatambutse kandi cariciza kikanigirwa mumeshi

  • IZONTWARI NIZIREME KUKO CNDD FDD NTIZAMA KUCATA IZOVAHO KANDIZOBAZOBACIRA ZOSE ZAGAHOTORO ZOZOGWIZWA NUBUSA .VYUKURI BAGOMBAGUTABARABARUNDI BARIMUKANGARATETE ,AHUBWO SENTARE IKWIYE GUKURIKIRANA NKURUNZIZA YATEMBAGAJE ACCORD D’ARUSHA NA CONSTITUTION .HARI UMU PUCTHIST ASUMBUWO ?ABARUINDI TURABONA KANDI ABARIKO BICABANTU ,BABAPFUNGA BITWAJUBUTEGETSI BIVYE BIZOGARUKAKO ,NIBIBUKE PINOCHE ,SADAMU HUSSEIN ,KADAFI ,IDI AMIN DADA ,HAVYARIMANA ,....AMAHEREZO YABO MURAYAZI ,MURIKOMUKWEGERA IMIRYANGO YANYU . "RIRA BIEN QUI RIRA LE DERNIER ".NAYUBWOBUTUNGANE BUTIGENGA NIBWIKURE MUBUJA BWA LETA .AHANDIHABARIKO BACIZANGONDAGONDE BAZOVYISHURA . IKIBWIGWA NICUMVA .KANDUGUITWI KWINGURUBE KWUMVA KWOKEJWE .

  • Nimucishe Ahukuri Kuri Barararenganw Nimubhe Umwidgvy

  • IYABA NDI NKURUNZIZA NATANGA ITEGEKO BOSE BAKAREKUGWA BAGASUBIRA KUMIRIMO YABO.SINUMVA ICO BAHOWE?

  • ndayirukiye. Teshwa ute ivyo mwagakoreye abarundi birabaye

  • Nimurabe Mubatezurire Kuko Mwese Muri Abanyeporitike Kandi Twese Twipfuza Kuja Imbere .

  • Umuduga nkuwutwara imyavu niwo general agendamwo. Erega aracari general kuko igicumuro ntikiramwagira. Uca ubona nyene agateka kamuntu uko kameze muburundi. Icegeranyo nicabandanya kibashira kumwanya wa nyuma kwisi muzoze muremera kuko murawukwiye

  • Nibihangane cokimwe nuwundi wese ahanzwe n ababicanyi.ibuka,uburundi bwarihenze bwibaza ko imbwa ikira imbaragasa,buhekereza umwana umurozi muguha uburongozi nkurunziza(Imana izorimwibariza)ahitiye atega ibisasu mumabarabara ngobikunde abarundi bahone,ahageze mwarabonye ko yahereye mumpande zose imirwi yose ibuka muyinga,buja abahoze baturongoye noe ninde yo kwitega iteka n umutekano kuriwe! Ababizi ni abi mukike yarungitsemwo major gahomera(atagira na certificat ya 6 è)akaba yaromoye abatutsi abo ni abo atishe abahutu abahutu be na shebuja biyitirira ngo barafashije benshi baratuntujwe nukuba batakibonana nabababanyi babo babatutsi.Turindire nkurunziza ntaharanira ubutegetsi,ntaharanira umuntu numwe,ntakorera Imana ikizwi afise ihangiro ryo guhonya abarundi ndtse n abanyamahanga batamworohereje.Banyabikanka ibuka gahomera yivugira ko azanye agafuni ko guhamba,naho yatoje amafaranka kandi akiriko haraho aravuga KO kagafuni yagataye nti yavuze ko bikanka itazoronka amahoro akiriho.Abariko barategeka nitumenye ko baduhanze twese kurugero rumwe kubiganza iwabo hari amaraso yabantu ushaka kuyanywa abegere,abasigaye twegerane turemeshanye mumakubaturimwo kubwabo babisha,dusabe Imana munyembabazi ibadukize na akabi kabo kose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.