IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Général Kararuza niwe agiye kuba icegera c’uwurongoye ingabo za (...)

Général Kararuza niwe agiye kuba icegera c’uwurongoye ingabo za MISCA

jeudi 28 Munyonyo 2013

Général de Brigade Athanase kararuza niwe yagenywe kugira abe icegera c’umukuru w’ingabo zigiye gufasha kurondera amahoro muri Centrafrika (Mission Internationale pour le Soutien de la Republique Centrafricaine MISCA, akaba ari agateka ku gihugu c’Uburundi.

Général de Brigade Athanase Kararuza avuga ko Republika ya Centrafrika muri kino gihe atanguye amabanga mu mwanya utoroshe, aho abagwanyi binjiye mu banyagihugu, bakica, bagasambura, eka bagakora n’ayandi marorerwa. Général Kararuza akizera ko azorangura neza amabanga yashinzwe nk’uko igihugu camwizeye ndetse hamwe n’akarere.

JPEG - 40.4 ko
Général de Brigade Athanase kararuza

General Kararuza rero yaraye atewe iryo teka, akaba yavukiye muri komine ya Mugongomanga iri mu ntara ya Bujumbura, ku wa 26 Ruhuhuma mu mwaka w’1960. Yinjiye mw’ishure ry’intwazangabo ISCAM mu mwaka w’1981, aca aheza mu mwaka w’1986, aho yize mu gisata c’ubutunzi muri iyo kaminuza y’intwazangabo. Kararuza akaba ari intwazangabo ikerebutse kandi iciye ubwenge, kuko yize no mu makaminuza atandukanye kandi akomeye nka Ecole de Guerre, National Defense College of Beijing mu gihugu c’Ubushinwa, akaba kandi yaranakurikiranye ivyirwa bikomakomeye vyo gucungera umutekano mu gihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika. Arubatse, akaba afise abana bane.

General Kararuza akaba ashinzwe ayo mabanga mu gihe Ubufaransa bwamenyesheje ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 26 Munyonyo ko bugiye gufasha vyihutirwa muri Centrafrique buterere agacumu k’ubumwe MISCA, akaba ari mu ntumbero yo guhagarika indwano imaze iminsi iba. Amakungu akaba yahamagariye igihugu c’Uburundi n’ibindi bihugu vy’Afrika gufasha guhagarika izo ntambara, amazi atararenga inkombe, aho abaraba ibintu n’ibindi babona ko ico gihugu kiriko cinjira mu bihe vy’ihonyabwoko. Abasirikare b’abarundi bazojanwa aho mu gihugu ca Centrafrika, akaba ari amajana icenda.

Abarwanyi bo mu muhari SEREKA

Aristide Nizigire, Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.