IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Général Zenon Ndabaneze yasiguye icatumye aja mu mugambi w’uguhirika (...)

Général Zenon Ndabaneze yasiguye icatumye aja mu mugambi w’uguhirika ubutegetsi

mardi 12 Ndamukiza 2016, par egide

Urubanza rw’abashatse guhirika ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 rwabandanije muri sentare nkuru ya Gitega, igisata c’iyungururizo. Kuri uwu wa kabiri, humvirijwe Général Zenon Ndabaneze yari intwazangabo mu giporisi c’Uburundi.

Mu nsiguro yatanze, Général Zenon Ndabaneze yasiguye ko yagiye mu mugambi w’ugushaka guhirika ubutegetsi wari wateguwe na Général Godefroid NIYOMBARE, mu ntumbero y’uguhagararira amasezerano y’i Arusha, hamwe n’ugutegura amatora atekanye. Général Zenon Ndabaneze yamenyesheje kandi abacamanza ko icatumye aja muri uwo mugambi, ari uko yari amaze kubona ko hari abaporisi bamwe bamwe bari bamaze guta umurongo, bakica abanyagihugu.

Général Zenon Ndabaneze yumvirijwe inyuma ya Général Cyrille NDAYIRUKIYE yumvirijwe kuri uwu wa mbere, bompi bakaba badafise abashingwamanza babafasha kuburana.

Sentare nkuru ya Gitega yamenyesheje ko izobandanya kwumviriza gushika kuri uwu wa gatanu abanyororo 28 bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi.


IGIHE

Messages

  • AVUZE UKURI GUKWIYE KANDI ICO MUKWIYE KUMENYA NUKO GRADE ZABO BAZOZIGUMYA IMANA IBAKINGIRE KANDI NTAJORO RIDACA

  • Ibacirigwe GU Gupta ntakindi gihano bakwiye izonyanka burundi

  • jewe uyomugabo zeno yamye adashoboka kuva kera ,iyo baca baraswa ubu ntankurikizi ziba zihari ejo narababonye kuko mba igitega bafise akanyaro kadasanzwe vyarambabaje cane kubabona ahubwo nukuraba neza kuko umengo harico bishimikije.

  • Nta General mbonye, General bicaza hafi iyo agwana gushika afuye,

  • Murintwari ntibabatere ubwoba nabuyoya yagifashe avuye mwipirizo ahubwo naho muri ntimurambirwe kuko ivyomuvuga nibintu vyumvikana kandi igikorwa mwashatse gukora Nico kibereye intwazangabo koko ikibabaje nuko kitakunze ubu abanyagihugu tuba twiruhutsa jewe nubu mbabazwa nukubona uburundi bufise abasirikare babitumwako bajagutabara mubindi bihugu ahorukanvye mugabo bakareka abanyagihugu bigihugu cabo bakaguma bagandagurwa bunyamaswa nibabarekure mwitahire turazi kwabo batakiri abacamanza ahubwo Ari ibiseheranda gusa mbega ahobabagiriza Ngo mwarishe abantu kuva mupfunzwe murabambariza hari umusi batagandagura abantu jewe ikimbabaje suko mwabigize ahubwo nuko bitakunzi akajagari kose nububwicanyi nuko igihugu kitagira inzego

  • WOWE WIYITA GWASA AHUBWO ULI UMUSWA. REBA KALIYA GASODA NAKO UKUNTU KALIMO KAREBA BALIYA BAGABO . WASANGA NAKO KATACYILIHO ABAHUTU BARAKALIYE.

  • Mugenzi Gwasa, ntakindi bishimikije atari kubabarabwiwe nu Bubiligi ngo buzoruhuka bubahaye igihugu, urumva nkabantu babarundi bakoronejwe nu Bubiligi numvise bubabwiye ko buzokora ukobushoboye kwose ngobubahe igihugu bacabumva mengo n’Imana ibivuze. Nashaka kukwibutsa ko umubiligi umwe yitwa Michael Louis yarivugiye mwikoraniro ryabantu ko yababajwe nokubona kudeta yaraburijwemwo ngwariko azokomeza ngwazoruhuke aruko prezida wuburundi Petero Nkurunziza atari kubutegetsi arimuzima canke yapfuye uburero turimwunyaka yokugira ububiligi bumaramazwe bitosheje kuburyo bizokwandikwa mumateka ubuturiko turakina unukino wabakene nabakire abafise inkomezi ziyisi nabatazifise ( Dawidi na Goriyati) ntakidashoboka mbere ya Mungu wait you ’ll see.

  • lili sinzuwambwiye ko uri umuhabara wa niyombare?niyompamvu wataye umutwe ko umugabo wawe atabaye president yooo!ndagutwenze kandi urarushe!

  • AVUZE UKURI NTAJORO RIDACA ABOBITWAZA DAUDI NAGORIYATI MWISHINGE MUKINISHA IMANA MWICA ABAYO IZOBAHANA MWIHANE

  • Mbe LIli Womenya Ko Inkona Itaruzwa Amase Yakera Ntahoma Urutaro Tekereza Nyakubahwa Abatware Urazi Amakuba Twabony Guhera 72 Gushitsa 88 Na 93 Maze Ntanamahirwe Muzosubira Gutwara Igihugu Uburundi Bugona Buri Maso Kandi Nabarundi Baraciy Ubwenge Ico Babony Barabonye

  • None Ubwobu d d Bwazakurekereza Inkonda Kubutegetsi Ngontibazihanagura?

  • ABARUNDI BAMENYE KO COUP D’ETAT ITARI IYA NIYOMBARE. YARI IYA CYRILLE NDAYIRUKIYE. ABANTU BAKWIYE KUMENYA KO IBIHE VYA 1965 - 1972 - 1988- 1993 KO ATARIVYO BIHE TURIMWO. IVYO KUGIRA AGAKINGIRIZO ABAHUTU KUGIRA BISHIKIRE KUKUMARA ABANDI TWARABIRENGEYE

  • abo bagabo nintwari pe njye mbabonye nabasororera kandi igihe kimwe bazabishimirwe, biratangaje kubona n’abapolisi batabara abanyagihugu bakifatanya nabasirikare muri coup d’etat abitwa abasoda bikingiranye mubigo abandi bayererana ibibunda bitarasa none ubu bakanuye amaso benewabo bicwa nabo rubariho n’abagiye somaliya ntibifuza gutaha kuko batizeye aho bazahisha udufaranga bazahembwa, none alexis avugira muri hotel ngo nta rebelion afite abasore bashiriye kunkota sha abarundi muri abarundi koko, mana weeee........

  • vous qui se croient hônete, laissez la justice àDieu qui voit tous.Et n’oublier pas ceux qui se consideraient comme les rois de la terre burundaise surtout en s’immaginant qu’ils sont immortel en tuant sauvagement les autres qui ont des idées contraire dans la politique actuelle,mais ils ont quité cette monde avant les autres.Repond alors àcette question: qui peut nous donner la situation de ces gens envers le tout puissant? CHANGEONS PLUTOT NOS MAUVAIS ACTES TANT QUE NOUS AVONS ENCORE DU TEMPS.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.