Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
George W. Bush yabazwe umutima giturumbuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > George W. Bush yabazwe umutima giturumbuka

George W. Bush yabazwe umutima giturumbuka

jeudi 8 Myandagaro 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Leta Zunzubumwe z’Amerika George W. Bush kuri uyu wa 6 Myandagaro yabazwe umutima i Dallas muri Leta ya Texas, Inyuma yaho abaganga babonye kuri uyu wa mbere ko hari imitsi y’amaraso itarenganya amaraso neza mu mutima wiwe.

Reuters yanditse ko umuvugizi w’ibiro vya George W. Bush, Freddy Ford yamenyesheje ko abaganga b’ibitaro vya Cooper Clinic batoye iyo ngorane y’imitsi yiwe ko idakora neza igihe yari kwisuzumisha nk’uko yama abikora buri mwaka. Ivyo vyatumye abo baganga bahita bagira inama Bush yo kubagwa, igikorwa cakozwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Myandagaro mu bitaro vya Texas Health Presbyterain.

Freddy Ford yabandanije avuga ko ico gikorwa cagenze neza ndetse kirangira mu mahoro ata ngorane ihabaye ku buryo ubuzima bwa George Bush bumeze neza kandi nawe yifuza gutaha agasubira iwe mu buzima busanzwe. George W. Bush w’imyaka 67, yasavye abantu kwisuzumisha buri gihe kugira ngo bamenye uko ubuzima bwabo buhagaze kuko nawe yamenye uburwayi afise, inyuma yo kwisuzumisha nk’ibisanzwe.

Bitegekanijwe ko asohoka mu bitaro kuri uyu wa gatatu, ku buryo kuri uyu wa kane ashobora gusubira ku mirimo yiwe atangorane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.