Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ghana: Abarenga 150 barapfuye bahitanywe n’umuriro n’umwuzurira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ghana: Abarenga 150 barapfuye bahitanywe n’umuriro n’umwuzurira

Ghana: Abarenga 150 barapfuye bahitanywe n’umuriro n’umwuzurira

samedi 6 Ruheshi 2015

Abantu barenga 150 barapfuye bahitanywe n’umuriro wadutse mu gituro badandarizamwo igitoro,abandi bahitanwa n’umwuzurira ku wa gatatu igenekerezo rya 3 Ruheshi,ku murwa mukuru wa Ghana Accra.

Francis Obeng ajejwe gukurikiranira hafi ibiza muri Croix Rouge
mu gihugu ca Ghana,amenyesha ko hejuru y’abarenga 150 bitavye Imana,abandi 60 bajanywe mu bitaro,aho bariko baravurirwa.

Inyuma y’ivyo vyabaye,umukuru w’igihugu ca Ghana John Dramani Mahama yamenyesheje ko ivyabaye ari ikiza aca atera umukono kw’itegeko rishinga ikigandaro c’iminsi itatu mu gihugu cose,kuva kuwa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi.

Francis Obeng yamenyesheje ko abitanga abamaze gushika muri ico gihugu gufasha aho batanga ibikoresho ku bataye izabo canke abakozweko n’ico kiza,muri abo harimwo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere PNUD.

Ku ruhande rw’igipolisi,umuvugizi waco Arthur Cepas yavuze ko ibintu biriko birasubira mu buryo,ko bariko barakingira ibintu n’abantu,kandi ko bariko barakora ibishoboka kugira ibishobora gufasha mu matohoza ntibizimangane.


IGIHE

Messages

  • Ubwo none uwo muriro woba wavuye kuki?kuburyo hashobora gupfa abantu bangana gutyo.nimudutohorez mutubwire inkuru imeze neza.

  • Isi igeze kure nuko tutabibona mugabo turi kwiherezo. Ibihe vyanyuma vyavuzwe nivyo vyibi. Hasigaye umuriro uzotibuka uvuye mw’ijuru. Ntaho mwumvise ngo imvura yaraguye irwana n’ifi? Twihane dutunganye inzira y’uhoraho.

  • Ntibitangaje Caneturi Mugihecanyuma Umuriro Kwica Abantubanganagutyo? Yesu Kora Igikorwa Abantutwarushe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.