IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Abantu bitwaje ibirwanisho bateye ikirindiro c’abasirikare

Gihanga : Abantu bitwaje ibirwanisho bateye ikirindiro c’abasirikare

lundi 6 Gitugutu 2014

Mu gitero cabaye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana hagati y’abajejwe umutekano n’abantu bitwaje ibirwanisho, umwe muri abo barwanyi yarahasize ubuzima. Ku ruhande rw’igisirikare c’Uburundi bavuga ko atawaguye muri ico gitero.

Ikirindiro c’igisirikare c’Uburundi, cegereye ishamba rya Rukoko, ahari ibikaju vy’umurwizatunga Nahumu Barankiriza caratewe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana n’abantu bitwaje ibirwanisho. Abo bantu bivugwa ko boba bari baje bava muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo batanye mu mitwe n’abasirikare nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Amakuru ava aho i Gihanga avuga ko hoba hari abanyagihugu bakomeretse, hamwe n’abarwanyi bafashwe.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko abo barwanyi boba baharurwa muri batandatu batazi icari kibagenza. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi avuga ko umwe muri abo barwanyi yahasize ubuzima, akabeshuza abavuga ko hari aboba bafashwe muri abo barwanyi, canke abanyagihugu boba bakomerekeye muri izo ntureka. Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko bariko barakurikirana abo barwanyi mw’ishamba rya Rukoko.

N’aho igisirikare c’Uburundi kivuga ko kitazi abo bateye ikirindiro co mu Rukoko, umwe mubavuga ko barwanya Reta, Aloys Nzabampema, yamaze kwiyemerera ko abarwanyi arongoye aribo bateye ico kirindiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • JEWENKUMURUNDI MUTO ATARI MUBIZE.COKIMWE NABANDI BARUNDI.BABONYE INTAMBARA .ZIHITIYE. HARI UWOROTA ASHIGIKIRA UWOTERINDINDWANO MURIKINOGIHE? NIBIKOMERE DUFISE. BITARAKIRA! NZABAMPEMA IYABA UWUNDI. YOSHINZE U’MUGAMWBE. CANKE AKAJA MURIPOLITIKE, NKABANDI. ARABAZA ABANYAGIHUGU BOBO BAGIRA INGARUKA NYINSHI AYOBABONYE.MU GIHEGIHEZE

  • Ohoo N’ubu Naho Inyeshamba Zasubiriye Kuboneka Mukibira C’arukoko Muragabe Ntibe Ari Imigamai Mibi Igamije Gutoba Amatora Ya 2015

  • turasavye reta y’uburundi igwanye uyo mugabo Nzobampema ashaka kuducanishamwo ivyo arimwo vyarataye nigihe ntiyinjire murubuga gwa politic ntangazwa ni misore igifite ubwengwe bwokuja mu kiroberi muri kubeshwa na babarongoye bari kwironderera inyungu zabo

  • UWO MUGABO YIYEMEJE KUGWANYA LETA NINGENE TWARI DUTEKANYE MUGIHUGU NONE ABONA KO KUGANIRA VYANANIRANYE?

  • Twese turaziko nzabampema ari kwi diri ya leta.leta nireke kujuragizaaba nyagihugukubera inyungu zabo ariko bitebe bitebuke bizoja ahabona .ntawokwibagira bimwe vya mugabarabona kwiranda.

  • Ewe dd icougamije gukora nugishire ahabona ureke kwamna uca kurabo bagabo bibikukiranda bafatanyana dd kugirango bashike kuvyo bipfuza babanje kwipfuka amaraso yabo batavuga rumwe.ivya Mugabarabona twarabibonye,Nzabampema we turazi yuko aruwo dd ihaye yuririrako,ejo muzokwumva babikorera Fnl,Frodebu,adc, canke nngo niSnduhije!uwobazovvyegekako ntazobura kugira bamuturatuze, ok.(caramennyewe ntawoberwa amakebo y,inda!!!).

  • ariko abo ba dd nibare gukina inkina mico nzabampema turazi neza kwarumu dd none ahindukira kubarwanya gute nibarabe iyindi mikenyuro hama baratuza nawe yige kuvuga ukuri .

  • IMBONERAKURE ZA DD ZISIGAYE ZITERA FDN????????? ,DD NIMUKORE ICO MUGAMIJE NINGOGA TURAZI KO MUGOMBA KUDUSUKAMWO IMBONERAKURE NGO ZIDUTSEMBATSEMBE ari ko ntimuzoduheza ?yezu aratubona .
    GIRA ICO MUSHAKA HAMA MUBISE ABANDI BABOGORE IGIHUGU. KUKO MWARACISHE CANE MUMPANDE ZOSE.

  • ico gihomohomo naco cahora kidendekeranya none ubu kizosubira kuregeteranya mumaso nomumatwi yabarundi aba DD ntaco mucera basi.imitima mwayisize mwipori.!!!!

  • MANA TABARA UBURUNDI KUBERA AMARASO YASESETSE NI MESHI.........AMEN

  • RWANDA niyo yateye u BURUNDI ngo ifate imirambo y’abahutus baguye muri lac rweru.Mwitegure ibitero bynshi bya RWANDA

  • Ohoooo intendri iraseshe umuti abonabo bazananyehe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.