IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Yarahatswe kugandagurwa Imana irakinga

Gihanga : Yarahatswe kugandagurwa Imana irakinga

jeudi 5 Ruheshi 2014

Ingorane z’matongo haba ay’imiryango canke amatongo rusangi nizo zimaze iminsi zigisibije mu miryango itandukanye canke mu kibano, aho abantu bicana abandi bagakomeretsanya.

Ingorane z’amatongo rero ziribonekeza ku munsi ku munsi mu ntara zitari nke zo mu Burundi, aho imanza ari nyinshi mu masentare atandukanye, ahandi naho abanyagihugu bagahakwa kwicana canke ndetse bakanicana. Akarorero ka hafi akaba ari ako mu ntara ya Bubanza, aho umugabo w’imyaka irenga 40 yahatswe kugandagurwa Imana irakinga, igihe yaterwa n’abantu ku rugo iwe, bakamutemagura.

Ku musozi wa Gihungwa muri komine ya Gihanga, akaba ariho iryo bara ryabereye, aho abagaba batatu bari bitwaje imipanga bahejeje gutemagura uyo mugabo, ababanyi aribo bamutwaye kwa muganga ku bitaro ku Mpanda. Mu giporisi bavuga ko batanguye amatohoza, kandi ko ingorane z’amatongo zoba ari zo ziri inyuma.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.