Accueil > Amakuru > umutekano > Gihosha: Amasase n’amagrenade vyarumvikanye
Gihosha: Amasase n’amagrenade vyarumvikanye
dimanche 10 Nzero 2016
Amasase atari make n’amagrenade vyarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Nzero 2016 muri Zone ya Gihosha,iri muri Komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Amasase yatanguye kwumvikana nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro. Hatanguye kwumvikana urwamo rwa grenade zibiri,mu nyuma humvikana amasase menshi y’urutavanako yamaze nk’iminota 30.
Ayo masase n’amagrenade vyumvikanye kw’ibarara ry’ikaburimbi riva hafi y’ahahora hakorera Commune Gihosha ubu yabaye zone rigashika ku musozi wa Siyoni mu Gikungu.
Gushika ubu ivyononekaye ntibiramenyekana,ariko vyitezwe ko biza kumenyekana inyuma y’amatohoza.
Bibaye ku ncuro ya mbere aho humvikanye amasase n’amagrenade muri ico gice c’igisagara ca Bujumbura kuva hatanguye kwibonekeza umutekano muke mu ma quartiers yerekanye ko arimwo benshi badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
IGIHE
Messages
10 Nzero 2016, 09:13, par twatwa
abo ni abashaka amagabura nyama canke gucafuza isura yigihugu cuburundi mumakungu, nimubatuze bate bomoke.
10 Nzero 2016, 12:16, par UWUKUNDUBURUNDI
NIHATARI,KOBATANAHURIZAKUVYO,BAZOGANIRA,IARUSHAHOHO,NTAKAZOSHOBOKA
10 Nzero 2016, 13:54, par vyizigiro
tuzoshira nkifu kukubra uguterumugongo Umuremyi,nahoranz ng nikumusaga gsa,na ngagara,..rka kurondera inyungu yany bwite,gusa ufis icurya nah uryama biba biheze!ntamahoro azobaho kumunyavyaha mumenye.!
10 Nzero 2016, 14:44, par ndugwe
reka turinmdire amatohoza ariko ntagishasha bayubwira
10 Nzero 2016, 17:03, par Prosper Ndayizigiye
Birabaje Kumva Amasare nkayo badushakiriki?
10 Nzero 2016, 19:23, par jamari
hoo!ivyomuburundivyaayakumiro jeweiconbonanukomwojamubiganirokukotwaranbiwenokwamaduhagaritseimitimainziraizodushikanaahotwifuzanibiganiro
10 Nzero 2016, 19:45, par Uwimani Charle S
Abogira Ubwenge Boreka Kubyi Vangamwo
10 Nzero 2016, 21:43, par IIcokumpa
Nn Nkub Bashk Ik?Tw Abarund Nibatrek T8br Mumahr,kk Tw Ntac Dush Twokr.
10 Nzero 2016, 22:24, par None?
Abajejwe umutekano wuburundi bamaze hafi umwaka bagabirije kubuza uwowe ashaka gushikira ishashaka abanje kwaka ubuzima bwabandibantu, nicogituma iyo hagize uwuturitsa ikirwanisho abajejwe umutekano mugihugu cose bacabagabiriza bibazako nimba bishoboka kobategerezwa kujagufasha bagenzibabo iyobaharereye humvikanye utwihebe, ariko batarasiduka ngobagende bacabumva bahejeje gukubura utwo Satani ibayashizemwo amadaimoni abateza kwiyahura. Ariko amasengesho imbere kukoniyo afise inguvu zogushobora guhangana nabantu binjiwemwo nama dayimoni. Uwujejwe umutekano wu Burundi nihagira abashaka amagaburanyama, canke guharira muribi canke biriya atakirwanisho uturikije yemwe ntuzonamenya kobabaho! ariko uturikirije akarwanisho mugihugu uba ubahamagaye kuko uba ubinjiriye muri politique yabo. Nkuko abasirikare babujijwe kujamuri politique, nikonabo banka uwuza muri politique yabo yogucungera umutekano , uturikije ikirwanisho ubugiye muri politique yabajejwe umutekano wu Burundi ahontagahengwe baguha ntakukwihanganira nabusa canke akagongwe.
14 Nzero 2016, 20:33, par Kayogolo
Nalekule Niho Tuzolonka Amaholo Atalekuyenanaho Tuzokwamilamu Ngolane Oke