IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihosha : Musitanteri arabeshuza amakuru y’ibivugwa kubitwaje (...)

Gihosha : Musitanteri arabeshuza amakuru y’ibivugwa kubitwaje imipanga

lundi 10 Munyonyo 2014

Musitanteri wa komine ya Gihosha Vianney Rukanura avuga ko inkuru zivuga ko hari abantu b’ibikoti n’imipanga muri iyo komine ari ibinyoma bidafise ifatiro.

Avuga ko ivy’izo nkuru nawe avyumva nk’abandi, ndetse akavuga ko izo mvugo zifatiye ku vya poritike. Vianney Rukanura musitanteri wa komine ya Gihosha akavuga ko mw’ikomine arongoye atangorane zihari, abanyagihugu babanye neza mu migambwe barimwo. Amenyesha ko imigambwe ibiri ariyo ihora isaba gukorera muri iyo komine, ndetse ariyo iboneka ku rubuga. Muri iyo, akaba ari umugambwe CNDD FDD na FRODEBU, iyindi migambwe akavuga ko ayumva ku maradiyo gusa, muri komine ya Gihosha itagaragara.

Musitanteri wa komine ya Gihosha akaba ahumuriza abo arongoye, inyuma y’aho amakuru avuga ko muri iyo komine abitwaje imipanga ndetse bambara n’ibikoti bahari, mu masaha yo mw’ijoro. Abo bantu rero bavugwa ko bahungabanya umutekano bakaba bavugwa mu makomine atandukanye n’aho abazirongoye barahira bakarengwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.