IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Giteranyi : Amajambo yavuzwe na musitanteri yatumye bamwe mu bigisha (...)

Giteranyi : Amajambo yavuzwe na musitanteri yatumye bamwe mu bigisha bahunga

vendredi 5 Ruheshi 2015

Ishure ry’intango rya Kinanira muri komine ya Giteranyi rimaze iminsi ivyirwa vyahagaze, inyuma y’aho abigisha baho bahungiye.

Abigisha batandatu bakaba barahunze kw’ishure ritoya rya Kinanira muri iyo komine ya Giteranyi intara ya Muyinga. Abo bigisha bahunze nk’uko amakuru ava muri iyo komine avyemeza, bakaba batavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD. Amakuru yo kwizera akemeza ko igihe musitanteri w’iyo komine Laurent Nduwimana yagendera ako gace ka Kinanira gasanzwe kari ku rubibe rw’Urwanda na Tanzaniya, yavugiyeho amajambo y’iterabwoba. Akaba yabwiye abaho, ko abahunze bose ari imiguruka, nayo amasaka meza yasigaye mu gihugu.

Musitanteri wa komine Giteranyi Laurent Nduwimana

Abo bigisha rero batari mu mugambwe CNDD FDD bikavugwa ko baciye batangura guterwa ubwoba, mw’ijoro hakaza abantu bababwira ko bazobakorerako. Ku va bahunze, rero ishure rya Kinanira abanyeshure ntibiga, bikavugwa ko bagira bashireyo abatagira akazi, kugira basubirize abo bagiye. Kuri ivyo vyose, musitanteri w’iyo komine ntituramuronka, co kimwe n’uwutwara indero muri iyo komine.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.