Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gizeh : Ama bibiriya n’impome vyaturiwe mw’ishengero ry’aba copte - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gizeh : Ama bibiriya n’impome vyaturiwe mw’ishengero ry’aba copte

Gizeh : Ama bibiriya n’impome vyaturiwe mw’ishengero ry’aba copte

lundi 19 Myandagaro 2013

Ibitero vyokozwe ku bakirisu basanzwe bari no k’urushi mu gihugu ca Misiri, vyarongerekanye kuva aho imyiyamamazo y’abashigikiye Mohamed Morsi yahoze arongoye ico gihugu, ihagarikiwe ku nguvu.

Inyuma y’inkuka y’imisa yo kuri uyu munsi w’Imana igenekerezo rya 18 Myandagaro, ishengero ry’aba copte riri mu karatiye Kordossa, risa nk’iritekanye. Ariko, bavuze ko ishengero ry’aba copte « ritekanye » umuntu yoca yibaza ko atakintu gihunganya cahabereye. Uwuguruye urugi rwinjira muri iryo sengero rufise igicapo c’umumalayika Mikaeli Mweranda, niwe acabona ibara ryahabereye, ryanatumye rivyura n’agashavu ku bakirisu baho. Amabibiriya n’impome vy’aho bikaba vyarahatokombereye.
Ubu iryo shengero rikaba risigaye ari nk’umurembe wo guta kuko no mu vyari biyubatse, yaba ivyapa vya kera, yaba impome, impande zose, vyose vyaratokombeye, nta n’icoba kikimenyekana.

Intebe zimwe zimwe zitatokombeye buhere, zaciye zegeranirizwa hamwe, nayo amakazu amwe amwe y’abapadiri, ama bibiriya ari mu rurimi rw’icarabu bibonekera mu mu munyota. Uwarajejwe gucungera iyo shengero y’aba copte Reda Abdallah yarerekanye ku bamenyeshemakuru bari bahishikiye, ivyononekaye vyose, agaruka no ku ntango y’igitero catanguye igenekerzo rya 14 Myandagaro, igihe igisirikare c’igihugu cariko kirirukana ku nguvu abari baje kugira imyirekano imbere y’umusigiti Rabaa mu gisagara c’i kayiro mu gihugu ca Misiri. « Islamiya, islamiya ! », amwe mu majwi y’isinzi y’abantu bariko bararirimba hanze barakaye, bongera banavuga n’imvugo zitabereye ku mu papa waho, umwungere Tawodros II no kuri Al-Sissi, intwazangabo yo kw’ipete rya General. Aho hari insinzi ry’abantu bari hagati y’imyaka 20 na 25 n’abandi bafise imyaka yisumbuye. Abenshi muri bo bakaba bari baje bitwaje ibirwanisho, abibando n’amabuye. Aho, bari bahejeje gusambura komisariya iri muri ico gisagara nyene.

Reda Abdallah, uwaracungereye ishengereo ry’aba copte akaba ari no mu babonye n’intango y’ibitero vyabaye muri ico gisagara, yamenyesheje ko abantu batatu ari bahakomerekeye. Korollos Khalil, umuyabaga w’umu copte, avuga ko yakurikiranye ibitero ari mu gasongero k’inzu yabo yari hafi y’amazu yari yaturiwe. Uwo muyabaga w’imyaga umunani, avuga ko se yaguma avomera impome y’inzu yabo kugira nayo nyene ntihave ifatwa, kuko yari yamaze gushuha nayo nyene kuko yari hagati y’inzu ziriko zirasha. « Sinashobora no gukora ku mpome kuko zari ziturira »: bivurwa na Karollos khalil.

Abandanya avuga ko n’ubwo abavyeyi biwe bagerageje guhamagara igipolisi kugira baze gutabara, nta n’umwe yigeze anaza kugira atohoza ivyabaye. Aba copte b’i Kardossa bakaba baciye bitura ababanyi, ariko b’aba islamu. Elsam Ahmed, yaba ku birometero 20 uvuye kuri iryo shengero ryaturiwe, yaremeje ko yakiriye iwe aba copte babiri. N’ubwo bahumurijwe n’amajambo y’umwungere Tawadros II, abo ba copte bafise impungenge ko igipolisi gishobora kubihakana igihe hosubira kuba igitero c’abashigikiye Morsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.