Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Goma : Abantu 10 barapfuye abandi barakomeretswa n’ibisasu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Goma : Abantu 10 barapfuye abandi barakomeretswa n’ibisasu

Goma : Abantu 10 barapfuye abandi barakomeretswa n’ibisasu

vendredi 23 Myandagaro 2013

Ibisasu bitari bike vyaratewe mu karere ka Goma, abantu bane baritaba Imana, abandi 10 barakomereka nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’abasoda ba ONU, Lieutenant Colonel Martin Kobler. Umukuru mushasha w’ingabo za Monusco, Martin kobler akaba yasavye abo basirikare gufata ingingo zose zishoboka kugira bakingire abanyagihugu kandi bamere magabo babuze abarwanyi ba M23 gutera baja imbere.{}

Ubwoba bwari bwose igihe ibisasu vyumvikana mu karere ka Birere, hagati y’igisagara ca Goma, ku munsi w’ejo kuwa 22 Myandagaro, hagati y’isaha 6 hamwe n’isaha indwi z’ijoro. Ibisasu vyatanguye kwumvikana ku murwa mukuru w’igisagara co mu buraruko bwa Kivu.

Prosper Basse, umuvugizi w’ingabo za ONU mu turere ibisasu vyumvikanyemwo amenyesha ko ivyo bisasu vyahitanye abantu bane hamwe n’abandi 10 bakomeretse.
Amakuru ava mu ngabo zikorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Goma amenyesha ko mw’ijoro ryo ku munsi w’ejo ibisasu bimwe bita ama obus vyatewe ku ma karitiye ya Katindo, Murara, Muzenze hamwe n’uburaruko bw’ikibuga c’indege i Muzenze. Aho niho hapfiriye abantu ndetse umugore umwe n’umwana wiwe barahasigiye ubuzima abandi 17 barakomereka.

Inyuma y’ikigo ca kaminuza, igisasu carabomoye inzu y’umukozi akorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ariko ngaho nta muntu yahasize ubuzima.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.